Inkuru Y'ivyizigiro
Iduzwa Rya Kristo
Ijuru ryose ryari rirorereye isaha y'intsinzi aho Yesu azodugira kwa Se. abamarayika baraje kwakira Umwami w'icubahiro no kumuherekeza nk'umuneshi gushika mw'ijuru. Yesu ahejeje guhezagira abigishwa biwe, arabasiga araduzwa. Maze mu gihe yariko araduzwa, amasinzi y'iminyago yari yazuwe mu gihe yazuka baramukurikiye. Ikoraniro rinini ry'abamarayika bo mw'ijuru barabaherekeje, mu gihe ibihumbi n'ibihumbi vy'abamarayika bitoharurika bari barindiriye umuzo wiwe.Hanyuma ingabo zose zo mw'ijuru zirakikuza Umugabisha wazo w'icubahiro maze baramwunamira buzuye ubwubashi hamwe no gusenga, bagaterera hasi ibitsibo vyabo bikayangana ku birenge vyiwe. Hanyuma bagasubira bagakora ku nanga zabo z'inzahabu, buzuza urufwaya rw'indirimbo n'umudiho bihimbaye baririmbira Umwagazi w'intama yishwe, yamara akaba ariho mu cubahiro n'iteka. IY 90.3
Isezerano ry'ukugaruka_Mu gihe Abigishwa biwe bamwitegereza bababaye bahanze amaso mw'ijuru ngo barabe ubwa nyuma Umwami wabo aduzwa, abamarayika babiri babaye impuzu zera bahagarara iruhande yabo maze barababwira bati, “Bagabo b'l Galilaya, n'iki gitumye muhagaze muraba mw'ijuru? Uyo Yesu, abakuwemwo, akaduzwa mw'ijuru, azoza artyo, nk'uko mumubonye aja mw'ijuru.” Ivyakozwe n'lntumwa 1:11. Abigishwa barabandanije gusubiramwo ivy'ibikorwa vyiwe hamwe n'ibihe bidasanzwe mbere bitangaje vyabaye mu mwanya muto. IY 91.1
Ishavu rya Satani_Satani yarasubiye agirana inama n'abamarayika biwe, afise urwanko rw'umururazi kuri reta y'lmana ababwira ko naho yabujije ubushobozi hamwe n'ububasha vyiwe kw'isi, ko utwigoro twabo tubwirizwa kuba incuro cumi kubakurikiye Yesu. Ko nta rugamba na rumwe bagavye ibitero kuri Kristo ngo batsinde mugabo ko bakwiye gutemvya abamukurikiye, bibaye vyoshoboka. Mu runganwe rwose babwirizwa kurondera guta mu mutego abizera Yesu. Ubwo rero abamarayika ba Satani baca barasohoka nk'intambwe zivuga, barondera ko borimbura abakurikiye Yesu. Ikigabane c'icumi: Ubushobozi IY 91.2
Yesu yugururiye ugutahura abigishwa biwe ibijanye n'ubusobanuro bw'ubuhanuzi bumwerekeye, yabakuriye inkoni ku gishitsi ko ubushobozi bwose yabuhawe mw'ijuru no mw'isi, hanyuma ababwira ko bogenda bakabwiriza ubutumwa bwiza babubwira abaremwe bose. Hamwe n'ikangura ridasanzwe ry'ivyizigiro vyabo vya kera ko Yesu yar'agiye gufata ikibanza ciwe ku ngoma ya Dawidi I Yerusalemu, abigishwa ba Yesu baramubajije bati, “Mwami, ubu nico gihe ugira ugarukane ingoma ya Isirayeli?” Ivyakozwe n'lntumwa 1:6. Umukiza yabasize mu kirere kubijanye n'ivyo mu kubishura ko Atari ivyabo “S'ivyanyu imisi n'ibihe Data yashinze n'ububasha bwa Data wenyene.” Ivyakozwe n'lntumwa 1:7. IY 91.3
Abigishwa batangura kwizigira ko imanuka rya Mpwemu Yera rizotera Abayuda kwemera Yesu. Umukiza yaranse gutanga ibirenze ivyo, kuko yari azi ko Mpwemu Yera niyaza kuri bo ku rugero rwuzuye, ubwenge bwabo buzomurikirwa. Ko bazotahura vyuzuye igikorwa kiri imbere yabo hanyuma bakagihera aho yagishikanye. IY 92.1
Abigishwa bakoranira mu cumba co hejuru, basengera hamwe bari kumwe n'abagore bizera, hamwe na Mariya nyina wa Yesu, hamwe na bene wabo. Abo bene wabo, bari abatizeras, ubu rero bari bashinze imizi mu kwizera kubwo ivyo babonye igihe yabambwa hamwe no kuzuka no kujanwa mw'ijuru kw'Umwami. Igitigiri c'abari bahakoraniye cari nk'ijana na mirongo ibiri. IY 92.2
Kumanuka kwa Mpwemu Yera_'Umusi wa Pentekoti ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe; haza igihinda kivuye mw'ijuru giturumbuka, nk'uguhuhuta kw'umuyaga w'inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk'ivy'umuriro; bibajako umwe umwe. Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.” Mpwemu Yera yafashe ishusho y'ibirimi vy'umuriro vyigabanije hanyuma bikabajako abo bose bakoraniye hamwe, cari ikimenyetso c'ingabire bahawe yo kuvuga neza indimi zitandukanye batari basanzwe bazi. Hanyuma kuboneka kw'umuriro vyasobanura ishaka ridacika iryo bazokorana hamwe n'ubushobozi buzoherekeza majambo yabo. IY 92.3
Bivuye ku kumurikirwa n'ijuru, ivyanditswe Yesu yari yarabasobanuriye vyaguma mu bwenge bwabo hamwe n'ubushake bwamaho n'ugukunda Ukuri gutomoye kandi kw'inkomezi. Igihuzu cari carababujije kubona ivyo Kristo yakuyeho ubu rero cari kivuyeho, hanyuma baca batahura intumbero y'igikorwa ca Kristo hamwe n'imero y'ubwami bwiwe buzuye ugutomokerwa kutagira agahonzi. IY 93.1
Mubushobozi bwa Pentekoti_Abayuda bari basabagiye hafi mu mahanga yose, hanyuma bakavuga indimi zitandukanye. Bari baje bazananye kure baza I Yerusalemu bagaheza bakahaguma umwanya imisi mikuru y'idini yamara kugira ngo bashitse ivyo basabwa n'ivyagezwe. Abaje gusenga bakoranira ngaho bavuga indimi z'ubwoko bwose. Ubudasa bw'indimi bwari inzitizi nini kugikorwa c'abasuku b'lmana mu gukwiragiza inyigisho ya Kristo mu bice vya kure vyo kw'isi. Mugabo Imana yuzuza intumwa ubwo bushake mu buryo butangaje, kandi kubantu benshi iki cabaye intahe yemeje mu buryo butagira agahonzi yashimangiye igishingantahe z'ivyabona vya Kristo. Mpwemu Yera yari yabakozeko ikintu batari gushobora kwikorera mu buzima bwabo bwose. Ubu rero barashobora gukwiragiza Ukuri kw'ubutumwa bwiza hafi na kure, bavuga ataguhushagurika ururimi rw'abo bariko barakorera. lyo ngabire y'igitangaza cari ikimenyamenya co ku rwego rwo hejuru bashobora kwereka isi ko igikorwa cabo gifise icemezo c'ijuru. IY 93.2
“I Yerusalemu hari Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bari baravuye mu mahanga yose yo musi y'ijuru. Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuk'umuntu wese yumvise ururimi rw'l wabo baruvuga. Barumirwa bose, baratangara, bati Mbega aba bose, bavuga s'Abanyagalilaya? Kandi n'iki gitumye twese tubumva bavuga indimi z'i wacu izo twavukanye?” Abaherezi n'abakuru barabambarwa cane ku kuntu ibintu biteye bigenda, kandi ivyo navyo bikaba vyaravugangwa i Yerusalemu yose n'ahahakikuje. Yamara ntibubahutse kugira ico bakoze ngo bashire mu ngiro imigabo yabo mibi kuko batinya kwishira ahagaragara ngo abantu babanke. Bari bishe Umwigisha, mugabo none raba-abamukurikiye, abagabo batize bava I Galilaya, bariko bashira kurutonde isohozwa ry'ubuhanuzi hamwe n'inyigisho za Yesu mu ndimi zose zivugwa. IY 93.3
Bavugana ububasha ibikorwa vy'Umukiza hanyuma bugururira ababumviriza umugambi w'agakiza hamwe n'ikimazi c'Umwana w'lmana. Amajambo yabo yaranyuze kandi ahindura ibihumbi vy'abantu bumvirije. Imigenzo n'imigigwa y'ibintazi abaherezi bigisha irahanagurwa mu bwenge bwabo, kandi baremera inyigisho zitavanze z'ljambo ry'lmana. IY 94.1
Ikibwirizwa ca Petero_Petero yaberetse ko ivyo bariko barabona ari isohozwa ikibiriraho ry'ubuhanuzi bwa Yoweli, ubwo yari yaravuzemwo ivy'ubushobozi nk'ubwo buzoza ku bantu b'lmana kugira bubashoboze igikorwa c'imbonekarimwe. IY 94.2
Petero yasubiye muri kahise avuga ibisekuruza vya Kristo agiye kimwe na kimwe aho bahurira n'inzu y'umwubahwa Dawidi. Ntiyakoresheje inyigisho n'imwe ya Yesu kugira ngo yerekane ko aho ahagaze ari ho, kuko yari azi ko basanzwe bafise ibindi mu mitwe ku rugero ruhanitse ku buryo ataco vyari gushikako. Mugabo yabarungitse kuri Dawidi, uwo Abayuda babona nk'umukurambere yubashwe cane w'ihanga ryabo. Petero ati: IY 94.3
“Kuko dawidi yavuze ivy'uwo ati Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, Kuko ari i buryo bwanje, ngo sinyiganyige. Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezererwa, kandi n'umubiri wanje uzoba nko mu gikari, wizigiye ibizoba. Kuko atazoreka ubugingo bwanje ngo buje i kuzimu, kandi ntuzotanga Uwera wawe ngo aze abore.” IY 94.4
Hano Petero yerekana ko Dawidi Atari kuvuga ivyiwe ubwiwe, mugabo nkana ivya Yesu Kristo. Dawidi yapfuye urupfu rusanzwe nk'abandi bantu. Imva yiwe, hamwe n'umunyota wubashwe warimwo, yari yazigamwe n'ukwigengesera kwinshi cane kugeza ico gihe. Nk’umwami wa Isirayeli kandi nk'umuhanuzi, Dawidi yari yaratewe iteka rinini n'lmana. Mw'iyerekwa rya gihanuzi Imana yamweretse ubuzima bwa kazoza n'igikorwa vya Kristo. Yarabonye ingene yahurwa n'abantu, uko yashizwe mu rukinja ngo aburane, guhambwa, kuzuka hamwe n'ukuduzwa. IY 95.1
Dawidi yarashinze intahe ko umushaha wa Kristo utari kuguma muri Hades (imva), kandi ko umubiri wiwe utazobora. Petero yerekanye ko Yesu w'l Nazareti yasohoje ubwo buhanuzi. Imana yaramuzuye mu mva imbere y'uko umubiri wiwe ubora. Yari rero ashizwe hejuru aharengeye amajuru. IY 95.2
Kuri uwo musi w'intibagirana, ibitigiri vy'amasinzi y'abantubahora bashinyagurira iciyumviro c'umuntu asanzwe nciyaha nka Yesu ari Umwana w'lmana bahavuye bemera ijana kw'ijana ukwo kuri hanyuma baramwemera nk'Umukiza wabo. Abantu ibihumbi bitatu bariyongereye kw'ishengero. Intumwa zavuganye ubushobozi bwa Yera, ku buryo ata muntu yashobora guharira amajambo yabo. Ubutumwa bwabo bwemejwe n'ibitangaza bikomeye, ivyo bakoze baciye mw'isukwa rya Mpwemu Yera w'lmana. Intumwa ubwazo zarumiwe zibonye ibivuye mu vyakoretse uwo musi w'ukwiyerekana kw'ubushobozi bw'lmana hamwe n'umwimbu wihuta kandi munini w'abizera. Abantu bose bari buzuye ugutangara. Abatahevye ivyumviro vyabo bigoramye hamwe n'uguhiga izindi nyungu bari barengewe ku buryo batubahutse kugerageza guhagarika igikorwa cabo gihambaye, haba mw'ijwi canke igikenye, ukubagwanya kwabo kwarahagaze uwo mwanya. Ivyiyumviro vy'intumwa vyonyene, bitomoye, binyura ubwenge, nk'uko vyari, ntivyari gukuraho ivyiyumviro bihengamye vy'Abayuda vyari vyanse kwemera ibimenyamenya vyinshi. Mugabo Mpwemu Yera yararungitse ivyo vyiyumviro I bwina mu mitima yabo biherekejwe n'ubushobozi mvajuru. Vyari bikarishe nk'imyampi ya Nyene inkomezi zose, bibemeza icagiriji c'amakosa yabo mabi mu kwanka no kubamba Umwami w'icubahiro. “Bumvise ivyo bibacumita mu mitima, babaza Petero n'izindi ntumwa bati bagabo bene Data, mbega tugire dute? Petero arabishura, ati Ni mwihane, umntu wese muri mwebwe abatizwe mw'izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ari yo Mpwemu Yera.” IY 95.3
Petero yinginga abantu ku bijanye n'uko bari baranse Kristo kuko bari bahenzwe n'abaherezi hamwe n'abakuru. Kandi ko nibabandanya kubarondera ngo babe aribo babahanura hanyuma ngo barindire ko abo barongozi bemera Kristo imbere y'uko bubahuka kubikora, ko batazigera bamwemera. N'aho abantu b'abanyenkomezi bari batuye ivyo kwera, bari bararikiye ibintu kandi bafise ishaka ry'ubutunzi hamwe n'icubahiro co kw'isi. Ko batazigera baza kuri Kristo ngo bakire umuco. Yesu yari yarabihanuye igihano gihambaye kizoza kuri ubwo bwoko kubwo ukutizera kwabo kutanyinyuka, mu gishingo c'ibimenyamenya bihambaye bahawe ko Yesu ari Umwana w'lmana. IY 96.1
Kuva ico gihe, ururimi rw'intumwa rwari ururimi rutagoramye, rworoshe, kandi rugirako kw'ijambo no mu mvugo, baba bavuga ururimi rw'iwabo canke ururimi rw'ikinyamahan ga. Abo bagabo baciye bugufi, batari baragiye kwiga mumashure y'abahanuzi, bashikiriza Ukuri kwo ku rwego rwo hejuru kandi kutavanze ku buryo bwatangaza ababwumvise. Ntibashobora kugenda ku giti cabo ubwabo gushika ku mpera z'isi, mugabo hariho abantu mur'iyo misi bari bavuye mu mpande zose z'isi, hanyuma bajana ukwo kuri bakiriye iyo baje bazananye hamwe no mu bwoko bw'iwabo, bazanira Kristo abihanye. IY 96.2
Icigwa kur'uyu musi_Turafise iyi ntahe ijanye n'ishingwa ry'ishengero ry'Abakristo atari gusa nka kamwe mu bihimba vy'amateka ariko kandi nk'icigwa. Abavuga izina rya Kristo bakwiye kurindira, bari maso, kandi basenga bafise umutima umwe. Dukwiye gushira kuruhande ibidutandukanya hanyuma tureke ubumwe hamwe n'urukundo dufitaniye bisumbe ibindi. Maze amasengesho yacu akaduga akaja kuri Data, afise ukwizera gukomeye gushimitse. Maze turashobora kurindira isohozwa ry'isezerano dufise ukwihangana hamwe n'ivyizigiro. IY 97.1
Inyishu irashobora kuza inyaruka bukwi na bukwi hamwe n'ubushobozi burengeye, canke igateba imisi canke amayinga, hanyuma ukwizera kwacu kugashirwa kumunzane. Mugabo Imana irazi ukuntu hamwe n'igihe yishurira ugusenga kwacu. Ni kimwe mu bigize igikorwa cacu kufatanywa n'umuhora w'ijuru. Imana niyo yegwa n'uruhande rw'igikorwa rwayo. Yarasezeranye kuba umwizigirwa. Ikibazo gikomeye kandi gihambaye kuri twebwe n'ukuba abahuje umutima n'inama, tugashira kuruhande ishari n'ubukozi bw'ikibi bwose, nk'abantu baciye bugufi basenga, mu kuba maso no kurindira. Yesu, Umuserukizi n'Umutwe wacu, ariteguye kudukorera ivyo yakoreye abantu basenga kandi bari maso kumusi wa Pentekoti. IY 97.2