Inkuru Y'ivyizigiro

15/27

Ikigabane c'icenda: Urugamba

Umuzuko

Abigishwa bararuhutse kw'lsabato, bagandaye kubw'urupfu rw'Umwami wabo, mu gihe Yesu, Umwami w'lcubahiro, yari aryamye mu mva. Mu gihe ijoro ryegereza, abasirikare, barashizweho ngo barinde intatemwa y'Umukiza, iyo abamarayika n'aho bataboneka baguma batambatamba hejuru. Ijoro rirahera buhoro buhoro, hanyuma mu gihe bwari butaraca neza abamarayika bari barinze iyo mva bari bazi ko igihe gisa n'icageze co kurekura Umwana w'lmana, Umugabisha w'ingabo zabo bakunda. Mu gihe bari bakirindiriye bafise ikigumbagumba cane bagabirije ngo barabe iyo csaha y'intsinzi yiwe, umumarayika w'inkomezi yaraje aguruka vuba na vuba avuye mw'ijuru. Mu maso hiwe hasa n'umuravyo, impuzu ziwe zarera nka sheregi. Umuco wiwe warirukanye umwijima aho yaca hose hanyuma atuma abamarayika babi bahunga bafise ubwoba kubw'ugukayangana kwiwe n'ubwiza bwiwe, abo nabo bakaba bari basavye umubiri wa Yesu nk'abawutsindiye. Umwe mu bamarayika bari babonye ivyabaye ingene Yesu bamukengereye akaba kandi yari arinze intatemwa yiwe yifatanya na marayika avuye mw'ijuru, bari kumwe bompi barururuka baja kuruhafu. Isi iratigita kandi iranyiganyiga mu gihe begereza, haba nyamugigima ikomeye. IY 84.1

Ubwoba bufata abasirikare b'Abaromani. None ubushobozi bwabo bwo gufata umubiri wa Yesu bwari buri hehe? Ntibiyumviriye ivy'igikorwa cabo canke ko abigishwa boza bakamwiba. Igihe umuco wababamarayika wakayanganira hirya no hino yabo, usumba izuba, babasirikare b'Abaromani baguye bubamye nk'abapfuye. Umwe mu bamarayika afata ca kibuye, aragitembagaza agikura kw'irembo ry'urugafu. Uwundi arinjira mu mva akura impuzau zari zizingiriwe ku kiziga ca Yesu. IY 84.2

‘Papa wawe araguhamagaye’_Hanyuma, n'ijwi ryateje isi gutigita, wa mumarayika avuye mw'ijuru arasemerera ati, “Mwana w'lmana we, Papa wawe araguhamagaye! Sohoka!” Urupfu ntirwari rukigumana ubutware kuri we. Yesu arazuka avuye mu bapfuye, nk’umuneshi yatsinze urugamba. Abamarayika bose batangaye baritegereje ibiriko biraba. Hanyuma uko Yesu yasohoka ava mu mva, abo bamarayika bakayangana baramwunamiye bashika hasi bamusenga hanyuma baramuramutsa baririmba indirimbo z'intsinzi hamwe n'inganji. IY 85.1

Raporo y'abasirikare b'Abaromani _lgihe ingabo z'abamarayika bo mw'ijuru bava kumva hanyuma umuco hamwe n'ubwiza bukagenda, abasirikare b'Abaromani bagerageje kuvyura imitwe yabo hanyuma babarabe. Baratangaye igihe babona ko ca kibuye catembagajwe kikavanwa ku muryango w'uruhafu kandi ko umubiri wa Yesu wari wagiye. Baranyarutse baja mu gisagara ngo bamenyeshe abaherezi hamwe n'abakuru ivyo bari babonye. Mu gihe abo bicanyi bumviriza inkuru zabo zitangaje, baciye biraburanigwa mu maso. Ubwoba burabatakera biyumviriye ivyo bari bakoze. Kandi ko nimba izo nkuru ari zo, ko bazimiye. Mu kanya gato barabanje kunuma, barabana mu maso, bayoberwa ico bokora canke bovuga. Kwemera izo nkuru kwari ukwicira urubanza. Baragenda barakebukana ngo barabe ico bokora. Baca babonera hamwe ko nka hamwe izo nkuru zokwiragira mu bantu, abishe Yesu bari kwicwa nk'abicanyi. IY 85.2

Baca bafata ingingo ko bahera abo basirikare ngo bagumye ibanga. Abaherezi n'abakuru babaha amahera menshi, bababwira bati: “Muze muvuge ko abigishwa biwe baje mw'ijoro baramwiba turyamye.” Matayo 28:13. Hanyuma abo basirikare babajije uko bazogenzwa nibavuga ko bari basinziriye bari kw'izamu, abakuru b'Abayuda babasezeranira kwuvyumvisha Pilato hanyuma bakabaziguriza. Kubw'amafaranga, abasirikare b'Abaromani bagurisha icubahiro cabo hanyuma bemera gukurikiza inama y’abaherezi n'abakuru. IY 85.3

Umushuzo w'umuzuko_Yesu, ari ku musaraba, yarasemereye ati, ‘birarangiye,’ ibitandara birasadagurika, isi iratigita, kandi zimwe mu mva ziruguruka. Azutse nk'umuneshi atsinze urupfu hamwe na kuzimu, mu gihe isi yariko irasama kandi ubwiza bw'ijuru bukayangana ahaherereye ico kibanza, benshi mu bagororosi bari barapfuye, bumvira ijwi ryiwe, barazuka bava mu mva zabo nk'uko vyabonetse azutse. Abo batewe iteka, abagororotsi bazutse basohotse muri zo bambaye umubiri udashobora gucumura no gupfa ukundi. Bari batoranijwe kandi abera bo mu bihe vyose, uhereye kukuremwa gushika mu gihe ca Kristo. Maze mu gihe abakuru bo mu Bayuda bariko baragerageza gupfubiranya Ukuri kw'ukuzuka kwa Yesu, Imana yahisemwo kuduza umurwi w'abantu bavuye mu mva zabo ngo bashinge intahe ko Yesu yazutse, hamwe no kwamamaza icubahiro ciwe. IY 86.1

Abantu bazutse inyuma yo kuzuka kwa Yesu babonekeye benshi, bababwira ko ikimazi c'umwana w'umuntu carangiye gutangwa, ko Yesu, uwo Abayuda babamvye, yazutse avuye mu bapfuye. Ikimenyamenya c'amajambo yabo cari ngo: “twazuranywe nawe.” Bashinga intahe ko ari kubw'ubushobozi bwiwe bavuye mu mva. N'aho hari amakuru y'ibinyoma yariko arakwiragizwa, umuzuko wa Kristo ntiwashobora kuzimagizwa na Satani, abamarayika biwe, canke abakuru mu baherezi, kuko uwu murwi wera, wakuwe mu mva, wakwirahije iyi nkuru, y'igitangaza, ihimbaye. Yesu nawe nyene yariyeretse abigishwa biwe bari bababaye, bacitse ivutu, ivyo navyo vyaciye bikuraho umubabaro wabo maze bibatera umunezero n'uguhimbarwa. IY 86.2

Abagore bari kumva_Kare mu gitondo c'umusi wa mbere w'imisi indwi, imbere y'uko umuco utamamanzura, abagore b'intamuheba, batwaye ibimota neza vyo gusiga ikiziga ca Yesu. Basanga ca kibuye kiremereye catembagajwe kivuye ku muryango w'imva, hanyuma umubiri wa Yesu siho wari. Imitima ibashongeramwo, kuko batinya ko abansi boba bajanye ico kiziga. Ubwo nyene baza babona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, mumaso habo hasayangana. Ivyo biremwa vyo mw'ijuru bitahura ico abo bagore baje gukora, ubwo nyene baca bababwira ko Yesu Atari ngaho. Ko yazutse, mugabo barashobora kubona aho bari bamushize. Barababwira ngo bagende babibwire abigishwa kandi ko bazohurira I Galilaya. Bafise ubwoba hamwe n'umunezero uhambaye, abo bagore baranyaragasa basubira aho ba bigishwa bari bababaye hanyuma bababwira ivyo babonye n'ivyo bumvise. IY 86.3

Abigishwa ntibavyumva ko Kristo yazutse, mugabo barirukanga kumva, bari kumwe na ba bagore bazanye inkuru. Basanga Yesu siyo ari. Babona ya mpuzu bari bamuhamvyemwo mugabo biranka ko bemera ko yazutse ava mu bapfuye. Baragaruka aho bacumbitse, batangajwe n'ivyo babonye, hamwe n'inkuru zaba bagore bazanye. IY 87.1

Mugabo Mariya ahitamwo kwigumira hampande y'imva, yiyumvira kuvyo yari yabonye n'ingene yumva acitse intege kubona yoba yari yarahenzwe. Yariyumvira ibindi bigeragezo bimurindiriye, araturika ararira yuzuye umururazi. Arongera arunama ngo arabe mu ruhafu, hanyuma abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera. Umwe yicaye ahari haherereye umutwe wa Yesu, uwundi ahari hahereye amaguru. Bavugana nawe buhoro buhoro bamubaza impamvu arira. Arishura ati: “Kuko bajanye ikiziga c'Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize.”Yohana 20:13. IY 87.2

‘Ntunyifatikize’_Ahindukiye akuye amaso kuruhafu abona Yesu ahagaze hafi yaho, mugabo ntiyamumenya. Avugana nawe buhoro buhoro, amubaza impamvu ababaye n'uwo ariko ararondera. Yiyumvira ngo n'umurimyi, aramubaza, nimba ariwe yajanye Umwami wiwe, ngo amubwire aho aho yamushize, kugira ngo amujane. Yesu avugana nawe n'ijwi ryiwe, agira ati, “Mariya!” Amenya imero y'iryo jwi yakunda hanyuma aca aramwishura ningoga ati, “Mwigisha!” Mu munezero yagira amugumbire, mugabo Yesu aravuga, “Ntukoreko, kuko ntaraduga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabwire, ut'Agira aduge kwa Se ari we So, uti ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu” Yohana 20:17. Yuzuye umunezero aragenda ningoga ashira iyo nkuru nziza abigishwa. Yesu aca araduga ningoga kwa Se kugira ngo yiyumvire biciye mu kanwa iwe ko yemeye ikimazi no kugira yakire ububasha bwose kw'isi no mw'ijuru. IY 87.3

Mu gihe Yesu yari hafi y'lmana kandi azungurutswe n'ubwiza bwiwe, ntiyibagiwe abigishwa biwe kw'isi. Yakiriye ububasha abukuye kwa Se kugira ngo agaruke abubahe. Uwo musi nyene yaciye agaruka hanyuma yiyereka abigishwa. Arabemerera baramukorako, kuko yari yaduze kwa Se hanyuma agahabwa ububasha. IY 88.1

Toma akekeranya_gihe Toma ntiyari ahari. Ntiyakiriye aciye bugufi inkuru zivuye ku bigishwa biwe, ahubwo aremanga ashimitse kandi atakwisubirako ko adashobora kuvyizera kiretse ashize intoke ziwe mu nkovu z'imisumari hamwe no mu rubavu aho bamucumise rya cumu yatewe n'inkozi y'ikibi adashobora kuvyemera. Gurtyo yerekana ko ata cizere afitiye abavukanyi biwe. Nka hamwe umuntu wese yosaba ikimenyamenya nk'ico, uyu musi nta n'umwe yokwakira Yesu hanyuma ngo yizere umuzuko wiwe. Mugabo bwari ubugombe bw'lmana ko abo bose batiboneye canke ngo biyumvire Umukiza yazutse bashobore kwakira inkuru z'abigishwa. IY 88.2

Imana ntiyanezerejwe n'ukutizera kwa Toma. Yesu arasubira abonana n'abigishwa biwe kandi, Toma yari kumwe nabo, hanyuma abonye Yesu, arizera. Mugabo yari yavuze icese ko ataza kunyurwa ata bimenyamenya vyo gukorako hamwe no kubona, hanyuma Yesu amuha ikimenyamenya yari yashatse. Toma arakoma induru ati, “Mwami wanje kandi Mana yanje!” Mugabo Yesu amugaya ukutizera kwiwe, agira ati, “Toma, kubera ko umbonye, urizeye. Hahiriwe abatabonye ariko bakizera.” Yohana 20:28,29. IY 88.3

Ugusenyuka kw'abarwanya Yesu_Uko inkuru zakwira igisagara hanyuma zikava mu gisagara zija mu kindi, abarongozi b'Abayuda baratinya kuhasiga agatwe hanyuma baca bavyura urwanko kubigishwa. Icizere cabo kimwe cari gihagaze mu gukwiragiza inkuru yabo y'ikinyoma. Maze abipfuza ko iyi nkuru y'ikinyoma iba Ukuri barayemeye. Pilato yarhinda umushitsi yumvise ko Yesu yazutse. Ntiyashobora gukeka intahe yari yatanzwe, kandi kuva ico gihe amahoro yaciye amuvako ibihe vyose. Kubera icubahiro co kw'isi, gutinya gutakaza ububasha hamwe n'ubuzima bwiwe, yaciriyeko iteka Yesu ngo yicwe. Ubu rero yari azi ata gukeka ko yakoze amakosa Atari gusa ku maraso y'uwutagira icaha, ahubwo Umwana w'lmana. Ubuzima bwa Pilato ku musozo wabwo bwari buteye ikigongwe. Umwiheburo hamwe n'akabonge vyarasabije ikigumbagumba cose c'ivyizigiro n'umunezero. Yaranse kwirurwa, hanyuma apfa urupfu rubi rusumba izindi. IY 89.1

Imisi mirongwine n'abigishwa biwe_Yesu yagumanye n'abigishwa biwe imisi mirongo ine, ivyo navyo vyabateye umunezero hamwe n'uguhimbarwa uko yarushiriza kubagurira Ukuri kundi kw'ubwami bw'lmana. Abatuma gushinga intahe y'ivyo babonye n'ivyo bumvise bijanye n'ukubabazwa kwiwe, urupfu, hamwe n'ukuzuka. Babwirizwa kubwira abantu ko vyari ngombwa ko atanga impongano y'icaha, kandi ko abashaka bose bashobora kuza kuri we bakaronka ubugingo. Hamwe n'ubugwaneza bwuzuye ubwizigirwa ababwira ko bazohamwa kandi bakababazwa, mugabo ko bazoremeshwa no kwibuka ivyabashikiye mbere no kwibuka amajambo yababwiye. IY 89.2

Ababwira ko yanesheje ibigeragezo vya Satani kandi ko yatsinze biciye mu bigeragezo no kubabazwa. Satani ntabushobozi azosubira kugira kuri we, ahubwo ko agiye kwerekeza ibigeragezo vyiwe kuri bo n'abo bose bazizera izina ryiwe. Mugabo ko nabo bashobora kunesha nk'uko nawe yanesheje. Yesu ahereza abigishwa biwe ubushobozi bwo gukora ibitangaza, hanyuma ababwira ko bazohamwa n'inkozi z'ibibi, ko igihe inyuma y'ikindi azokwama yarungitse abamarayika biwe ngo babatabare; ubuzima bwabo budashobora gutarwa igikorwa cabo kidaheze. Gurtyo rero ko bazoba bashobora gushira ikidodo ku ntahe yabo bakoresheje amaraso yabo. IY 90.1

Abamukurikiye babishizeko umutima barumviriza inyigisho ziwe, bagahimbarwa cane n'ijambo ryose ryava mu kanwa kiwe. Ubwo rero bari bazi badakeka ko ari we Mukiza w'isi. Amajambo yiwe yanyengetera mu mitima yabo, maze bakababazwa no kubona bagiye gutandukana bidatevye n'Umwigisha wabo yavuye mw'ijuru gurtyo ntibabe bacumva amajambo yiwe y'indemesho n'ubuntu. Mugabo kandi imitima yabo yarashushwa n'urukundo hamwe n'umunezero uhambaye, mu gihe Yesu yababwira ko agiye kugenda akabategurira aho nabo bazoba agaheza akagaruka kubajana, kugira ngo aho ari nabo ariho baba. Yarasezeranye kandi ko azorungika Umwitsa, Mpwemu Yera, ngo abarongore mu kuri kwose. “aterura amaboko, arabahezagira.” Luka 24:50. IY 90.2