Ivyakozwe N'intumwa

33/58

Ikigabane ca 33: Gukorera Mu Ngorane

Naho Paulo yitwararika gushikiriza Abakristo biwe inyigisho yuzuye y'Ivyanditswe Vyera ijanye n'uburyo bubereye bwo gushigikira igikorwa c'Imana, naho kandi yavuga k'umukozi w'ubutumwa bwiza afise «ubushobozi bwo kwemererwa kureka gukora»(1 Ab'i Korinto 9:6) ibikorwa bisanzwe ngo yibesheho atarinze kuzera inze, kenshi mu gihe yakorera mu bisagara binini biteye imbere vyaramusaba ko akora ibikorwa vy'umwuga ngo yibesheho. Mu bayuda, ibikorwa vy'iminwe ntivyaharurwa nk'ibintu bidasanzwe canke bikengeretse. Ku bwa Mose Abaheburayo bari barigishijwe kumenyereza abana babo ibikorwa vy'amaboko, kandi vyaharurwa nk'icaha kureka urwaruka ngo rukure rutazi umwuga. Naho umwana yarererwa ibikorwa vyeranda, kumenya gukora ibikorwa vya misi yose babifata nk'ikintu ca nkenerwa. Umusore wese, yaba afise abavyeyi batunze canke bakenye, yigishwa gukoresha amaboko yiwe. Abavyeyi birengagiza guha abana babo indero bene iyo baboneka nk'abatumviye impanuro z'Imana. Ku bwo uwo muco rero, Paulo akiri muto yari yarize umwuga wo kujisha amahema. Imbere y'uko aba umwigishwa wa Kristo, Paulo yari umuntu ahambaye kandi ntiyari akeneye gukoresha amaboko yiwe kugira ngo abeho. Ariko mu nyuma, amaze gukoresha uburyo bwiwe bwose ngo ateze imbere igikorwa ca Kristo, vyaramusavye rimwe na rimwe kwikora ku mwuga wiwe kugira ngo aronke ibimutunga. Niko vyagenze cane cane igihe yakorera mu turere abantu batatahura neza imvo yamutumye aba umuvugabutumwa. IN 180.1

Muri Tesalonike niho dusoma ubwa mbere uko Paulo yakoresheje amaboko yiwe ngo ashigikire igikorwa ariko aravuga ijambo ry'Imana. Igihe yandikira abizera baho, yabibukije ko «yari kuba yarashoboye kubaremera,» kandi yongerako ati: «Bene Data, muribuka uburuhe bwacu n'ubucumukure; twababwira ubutumwa bwiza bw'Imana twikenurira umurango n'ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebwe turemera.» 1 Ab'i Tesalonike 2:6, 9. Kandi, mw'ikete ryiwe rya kabiri yabandikiye, yavuze ko we n'abo bisarigiye igikorwa igihe bari muri bo «batarya ivyokurya vy'umuntu n'umwe ku busa.» Yanditse ati: «Twakora ijoro n'umurango ngo ntitugire umuntu muri mwebwe tugora: Si uko tutavyemerewe, ariko ni ukugira ngo tubahe akarorero ngo mutwigane.» 2 Ab'i Tesalonike 3:8,9. IN 180.2

I Tesalonike Paulo yari yahuye n'abantu banka gukoresha amaboko yabo. Abantu nk'abo ni bo yahavuye yandikako avuga ati: «Hariho bamwe muri mwebwe bagenda basaragurika, bama bineganegera bakita mu bitabakwiye. Ariko abameze batyo turabagera tubahanura ku bwo Umwami wacu Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bironkeye ubwabo.» Igihe yariko akorera i Tesalonike, Paulo yaritwararitse guha abantu nk'abo akarorero keza. «Kuko tukiri kumwe namwe twabategetse iki, rgo umuntu wese niyanka gukora ntakarye.» Imirongo ya 11, 12, 10. Muri buri runganwe Satani yama arondera gusinzikaza utwigoro tw'abasuku b'Imana mukwinjiza mw'ishengero abantu basaragurika. Uku niko vyabaye mu gihe ca Paulo, kandi ni nako vyagenze mu binjana vyakurikiye ighe c'Ubugorozi. Wikirife, Luteri, n'abandi benshi bahezagiye isi ku bwo ijunja ryabo n'ukwizera kwabo, bahuye n'amayeri umwansi akoresha arondera kugusha abantu basaragurika mu mwete w'indenzarugero, batigerera, batejejwe. Abantu b'inzimizi bigishije ko gushika ku bweranda bw'ukuri bishira ubwenge hejuru y'ivyiyumviro vy'isi kandi bikabuza abantu igikorwa cose. Abandi nabo, barengera akarimbi imirongo imwe imwe ya Bibihya, bigishije ko gukora ari icaha-ko Abakristo badakwiye kwiyumvira ivyo ukubaho kwabo canke imiryango yabo, ngo ahubwo bakwiriye kwihebera ibintu vy'impwemu gusa. Inyigisho n'akarorero k'intumwa Paulo vyatunga urutoke ivyo vyiyumviro vy'indenzarugero. IN 181.1

Paulo ntiyabeshejweho n'ibikorwa vy'amaboko yiwe ijana kw'ijana igihe yari i Tesalonike. Mu nyuma, igihe yandika ivyamubayeko muri ico gisagara, yandikiye abizera b'i Fihpi yemeza ivyo bamuhaye igihe yari i wabo, avuga ati, «N'i Tesalonike naho mwandungikiyeyo ivyo kumara ubukene, si rimwe ni kabiri kose.» Ab'i Fihpi 4:16. N'ubwo yaronse ubwo bufasha, yaritwararitse guha abanyatesalonike akarorero ko gukorana ubwira, ngo ntihagire n'umwe amurega ko ahahamiye ibintu, kandi ngo abo bari bafise ivyiyumviro bidatomoye ku vyerekeye ibikorwa vy'amaboko bagondoreshwe akarorero, atari amajambo gusa. Igihe Paulo yagendera Korinto, yasanze ari hagati y'abantu bikeka cane ba kavantaraa. Abagiriki bo ku nkengera y'ibahari bari abacuruzi rurangiranwa. Bari barize neza ivyo urudandazwa, ku buryo vyashitse aho bizera ko inyungu ari ikimenyetso c'ubugororotsi, kandi ko kuronka amahera, haba mu nzira zemewe canke z'uburyarya, vyari vyemewe. Paulo yari azi neza ingeso zabo, ku buryo atashobora kubaha akaryo ko kumurega ngo yavuga ubutumwa bwiza ngo yironkere ubutunzi. Yari afise uburenganzira bwo gushigikirwa n'Abanyakorinto bumvise ubutumwa bwiwe; ariko yaranse gukoresha ubwo burenganzira, kugira ngo akamaro kiwe n'intsinzi yiwe nk'umukozi w'ubutumwa bwiza ntibitukwe n'abantu bikeka ko yavuga ubutumwa bwiza ku bwo kurondera inyungu. Yarondeye gukuraho ivyiyumviro bitari vyo, ngo inkomezi z'ubutumwa bwiwe ntizitakare. IN 181.2

Bidatevye amaze gushika i Korinto, Paulo yabonye «Umuyuda yitwa Akwila. Amamuko yiwe ni i Ponto, yari avuye mu Butaliyano muri iyo misi, bo n'umugore wiwe Purisikila.» Abo «bari bahuje nawe ubuhinga.» Bari birukanywe n'itegeko rya Kalaudiyo, yari yategetse Abayuda bose kuva i Roma. Akwila na Purisikila bari baje i Korinto, batangura ibikorwa vyabo vyo kujisha amahema. Paulo abaza ivyabo, maze yumvise ko bubaha Imana kandi barondera kwikingira ingeso mbi zari zibazungurutse, «abana na bo, barakorana. . . . Maze aharira n'abaho mw'isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n'Abagiriki.» Ivyakozwe n'Intumwa 18:2-4. Nyuma y'aho, Sila na Timoteyo basanze Paulo i Korinto. Aba bavandimwe bazanye amahera avuye mu mashengero i Makedoniya, yo gushigikira igikorwa. IN 182.1

Mw'ikete ryiwe rya kabiri yandikiye abizera b'i Korinto yanditse amaze kuhashinga ishengero rikomeye, Paulo yakubise agatima mpembero ku buryo yabanye na bo. Yabajije ati «Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, ndababwiye ubutumwa bwiza bw'Imana ku busa? Nasahuye ayandi amashengero ndayaka ingero, kugira ngo nkorere mwebwe, kandi aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngora: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bamaze ubukene. Uko ukuri kwa Kristo kuri muri jewe, ntawuzombuza kwirata ntyo mu ntara zo muri Akaya.» 2 A'i Korinto 11:7- 10. IN 182.2

Paulo ababwira ko impamvu yigenjeje atyo i Korinto kwari ukugira ngo ntahe akaryo «abagomba inyanduruko.» 2 Ab'i Korinto 11:12. Ubwo yari yakoze igikorwa co kujisha amahema, ntivyamubujije kandi kuvuga ubutumwa mu bwizigirwa. We ubwiwe avuga ivyo ibikorwa vyiwe, ati «Ni ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n'ibitangaza n'ibikorwa bikomeye.» Kandi arongera ati «Ayandi mashengero yabarushije iki, atari uko jewe ubwanje ntababereye umutwaro? Mumparire ico caha! Ehe niteguye kuza i wanyu ubugira gatatu; sinzobabere umutwaro: kuko atari ivyanyu ndondera ariko ari mwebwe ubwanyu ndondera. . . . Ku bwanje nzonezerwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose, nitangira ubugingo bwanyu.» 2 Ab'i Korinto 12:12-15. IN 182.3

Mu gihe kirekire yamaze avuga ubutumwa muri Efeso, aho yamaze akora ivugabutumwa ry'agakura muri ako karere, Paulo yongeye kandi akora umwuga wiwe. Muri Efeso, co kimwe no muri Korinto, iyo ntumwa yanezerejwe n'ukubana na Akwila na Purisikila, bari bamuherekeje asubira muri Asiya mu mpera y'urugendo rwiwe rwa kabiri aja kuvuga ubutumwa. Hari bamwe bacishijemwo ijisho Paulo kubera akoresha amaboko yiwe, bavuga ko bitajanye n'igikorwa co kuvuga ubutumwa. Kubera iki Paulo.. umuvugabutumwa rurangiranwa, yafatanya ibikorwa vy'amaboko no kuvuga ijambo ry'Imana? Mbega umukozi ntabereye impembo yiwe? Kubera iki yata umwanya ajisha amahema, umwanya wagaragara kuri bose ko yashobora kuwukoresha neza mu bundi buryo! IN 183.1

Ariko Paulo ntiyabona ko ari uruhombo umwanya yakoresheje atyo. Ubwo yakorana na Akwila yagumije imigenderanire n'Umwigisha Mukuru, ntiyatakaje akaryo ko gushingira intahe Umukiza, mbere no gufasha abari mu bukene. Ubwenge bwiwe bwavoma kure ubumenyi mu vy'impwemu. Yahaye abo bisangiye igikorwa inyigisho mu bintu vy'impwemu, kandi yatanze akarorero k'umuntu akorana ubwira. Yari umukozi w'ubwenge kandi yihuta, afise umwete mu bikorwa, «akovya mu mutima akorera Umwami.» Abaroma 12:11. Ubwo yakora umwuga wiwe, iyo ntumwa yashikira umugwi w'abantu bitari gushoboka ko bashikirwa mu bundi buryo. Yeretse bagenziwe ko ubukerebutsi mu bikorwa vy'utugenegene n'ubuhinga ari ingabire y'Imana; Imana itanga ingabire bo n'ubwenge bwo kuyikoresha bubereye. Yigishije ko no mu buzima bwa misi yose Imana itegerezwa guhabwa icubahiro. Ibikorwa vyiwe biruhisha vy'amaboko ntivyamubujije ko yitaho ivyo asabwa nk'umuvugabutumwa wa Kristo. IN 183.2

Rimwe na rimwe Paulo yakora ijoro n'umutaga, atari ku bwo kwifasha we ubwiwe gusa, ahubwo ari ukugira ngo afashe bene Data bakora igikorwa kimwe na we. Yasabikanije uburyo bwiwe na Luka, kandi afasha Timoteyo. Vyarashika agasonza, ngo afashe abandi bazigirijwe n'ubukene. Ubuzima bwiwe ntibwari ubwo kwikunda. Agira arangize igikorwa ciwe, igihe yavugana n'abakuru b'i Efeso abasezera, i Mileto, yashoboye kubereka intoke ziwe zacumukuye; maze avuga ad, «Ntaco nifuje, ari ifeza, ari izahabu, ari ivyambarwa vy'umuntu n'umwe. Ubwanyu murazi ko aya maboko yanje yankenurana ivyo nkenye n'abo turi kumwe. Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu buruhe nk'ubwo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y'Umwami Yesu, ingene ubwiwe yavuze, ati «gutanga bizana umugisha, kuruta guhabwa.» Ivyakozwe n'Intumwa 20:33-35. IN 183.3

Abavugabutumwa ni bumve ko bacumukura kandi bakiyima mu gikorwa ca Kristo, nibagendere mu vyiyumviro inzu y'uruganda Paulo yakoreramwo. Ni batahure ko igihe uyu muntu, yatoranijwe n'Imana ariko akora amahema ariko arakorera umukate awuronka awukwiriye ku bwo ibikorwa vyiwe nk'intumwa. Gukora ni umuhezagiro, ntabwo ari umuvumo. Umutima w'ubunebwe wonona ubweranda kandi ukababaza Mpwemu wTmana. Iriba ridatemba rironona, ariko umugezi Wumusarara ukwiragiza amagara meza n'umunezero mu gihugu. Paulo yari azi ko abakengera ibikorwa vy'amaboko bidatevye bazocika intege. Yifuza kwigisha abavugabutumwa bakiri bato ko mu gukoresha intoke zabo mu kumenyereza imisoso n'imitsi yabo, bazokomera bashobore kwihanganira imiruho n'ukwiyima bibarindiriye mu murima w'ivugabutumwaa. Kandi yatahuye ko inyigisho ziwe zobura ubuzima n'inkomezi igihe adakoresheje neza impande zose. IN 184.1

Umunebwe atakaza akamenyero ntangere karonkwa n'umuntu yimenyereje ibikorwa vy'ubuzima busanzwe. Si bake, ahubwo ni ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu babayeho gusa kwakira imigisha Imana ibasesekazako ku bwo imbabazi zayo. Bibagira kuzanira Uhoraho amashikamwa y'ishimwe ku butunzi yababikije. Bibagira ko mu gukoresha mu bwenge italanto babikijwe bategerezwa kuba abimbuzi kandi bakaba n'abafunguzi. Iyaba batahura igikorwa Umwami yifuza ko bakora nk’ intoke zo kumufasha, ntibokwirengagije igikorwa bajejwe. Si abiyumva bose ko bahamagariwe kuvuga ubutumwa bakwiye bo n'imiryango yabo kuzera na ntaryo kw'ishengero amahera yo kubashigikira. Hari akaga ku bantu bamwe bataramenyera igikorwa ko bashobora kwononekara ku bwo guhendahendeshwa ubufasha n'ububeshi, kwama bateze ko babashigikira ata kigoro nabo bagize. Uburyo bugenewe kwagura igikorwa c'Imana, ntibukwiye kuyongobezwa n'abantu bifuza kuvuga ubutumwa ngo baronke ibibafasha, gutyo bakabatera guhahamira ubuzima bwo kwikunda n'ubwo kwidibamira. IN 184.2

Abasore bifuza gukoresha ingabire zabo mu gikorwa co kuvuga ubutumwa, bazokura icigwa gihambaye mu karorero ka Paulo i Tesalonike, i Korinto, Efeso, no mu bindi bibanza. Naho yari umuhinga mu kuvuga, kandi yatowe n'Imana ku bwo igikorwa kidasanzwe, ntiyigeze arera amaboko, canke ngo aruhishwe n'ukwitangira igikorwa yakunda. Yandikiye Abakorinto ati «Gushitsa n'ubu twishwe n'inzara n'inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo, dukoresha amaboko yacu tukaruha: iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana.» 1 Ab'i Korinto 4:11,12. IN 184.3

Umwe mu bigisha b'abantu bahambaye, Paulo yakoze anezerewe ibikorwa vyo hasi cane nk'uko yakora n'ibihambaye. Igihe ku bwo Umwami vyaba ngombwa, yakora ata gahato ibikorwa vy'amaboko. Ariko kandi yama yiteguye gushira i ruhande ibikorwa vyiwe bisanzwe, kugira ngo ahangarane n'abansi b'ubutumwa bwiza, canke ngo acakire akaryo ko kuzanira Yesu imitima. Umwete wiwe n'ubwira mu bikorwa vy'amaboko, bitunga urutoke abarera amaboko n'abakunda kwiyorohereza. Paulo yatanze akarorero karwanya iciyumviro camaze gukwiragira mw'ishengero, ngo ubutumwa bwokorwa neza gusa n'abantu bakuweko umutwaro wo gukoresha amaboko. Yatanze akarorero k'ivyoshobora gukorwa n'abakorerabushake bitanze mu bibanza vyinshi aho abantu bataramenya ukuri kw'ubutumwa bwiza. Inyifato yiwe yafashije abakozi batobato kugira icifuzo co gukora ico bashoboye cose ngo bateze imbere igikorwa c'Imana kandi bironderera ibibatunga mu bikorwa vya misi yose. Akwila na Purisikila ntibasabwa kwihebera umwanya wose igikorwa c'ivugabutumwa, ariko abo bakozi bicisha bugufi bakoreshejwe n'Imana ngo bereke Apolo inzira y'ukuri irushirije kuba nziza. Umwami akoresha abantu batandukanye mu gushigikira umugambi wiwe, kandi igihe abafise italanto zidasnazwe batoranywa ngo bakoreshe inkomezi zabo zose mu gikorwa co kwigisha no kwamamaza ubutumwa bwiza, abandi benshi, batigeze barambikwako ibiganza vy'abana b'abantu ngo bezwe, bahamagarirwa kugira uruhara rukomeye mu gukiza imitima. IN 184.4

Hari umurima munini wuguruye imbere y'abakozi bavuga ubutumwa bibeshaho. Benshi bashobora kuronka ubumenyi mu gikorwa c'ivugabutumwa kandi bakoresha igice c'umwanya wabo mu bikorwa vy'amaboko, maze muri ubwo buryo hakaboneka abakozi bakomeye bashobora gufasha mu bihande bikenye. Umusuku w'Imana yitanga, akora adahumeka mw'ijambo no mu nyifato, yikoreye umutwaro uremereye mu mutima wiwe. Ntaharura amasaha mu gikorwa ciwe. Ibihembo vyiwe ntaco bihindura mu gikorwa ciwe, canke ngo ahebe igikorwa kubera ibihe bigoye. Mw'ijuru niho havuye umuhamagaro wiwe, kandi mw'ijuru ni ho honyene yiteze ingororano igihe arangije igikorwa yashinzwe. IN 185.1

Ni umugambi w'Imana ko abakozi nk'abo bakurwako imyitwarariko idakenewe, kugira ngo bashobore kwubahiriza impanuro ikomeye Paulo yahaye Timoteyo, ati «Ivyo ubishireko umwete; uvyamemwo.» 1 Timoteyo 4:15. Nubwo basabwa kwiyubara ngo bagire inkomezi mu bwenge no mu mubiri, ntabwo ari umugambi w'Imana ko bagoberwa gufata umwanya munini bakora ibikorwa vyo kwikenura. Aba bakozi b'intungane, naho bemera gutanga no kwitanga ku bwo ubutumwa bwiza, ntibabura kugeragezwa. Igihe baburabujwe canke baremerewe n'imyitwarariko kubera ishengero ritabahaye ubufasha bw'amahera bakeneye, bamwe bacibwa inkokora n'umurwanizi. Iyo babonye ibikorwa vyabo bidashimwe uko bibereye, baca bihebura. Mu vy'ukuri barindiriye igihe c'urubanza ngo baronke impera yabo ishitse, kandi ibi birabanezera; ariko hagati y'aho imiryango yabo ikeneye ico ifungura n'ico yambara. Iyaba bokwumva ko bakuweko umutwaro v/umuhamagaro wTmana, bokwemeye gukoresha amaboko yabo. Ariko batahura ko umwanya wabo ari uw'Imana, batitayeho ubuhumyi bw'abategerezwa kubaha uburyo buhagije. Barengera ikigeragezo mu gukurikira inzira zobakura mu bukene, maze bakabandanya gukora kugira ngo bateze imbere igikorwa kuri bo gihambaye cane kuruta n'ubuzima. Ariko, kugira ngo babikore, bategerezwa gukurikiza akarorero ka Paulo, maze mu gihe kimwe bagakora ibikorwa vy'amaboko kandi babandanya n'ugukora igikorwa cabo co kuvuga ubutumwa. Ibi ntibabikora ngo bateze imbere inyungu zabo, ahubwo ngo bateze imbere inyungu z'igikorwa c'Imana kw'isi. IN 185.2

Hari igihe bisa n'uko badashobokera umusuku w'Imana gukora igikorwa gikeneye gukorwa, ku bwo kubura uburyo bwo gukora igikorwa gikomeye, gishikamye. Bamwe batinya ko mu buryo bafise badashobora gukora ivyo bari bategerejwe gukora vyose. Ariko nibatera imbere ku kwizera, agakiza k'Imana kazokwigaragaza, kandi utwigoro twabo tuzororanirwa. Uwabariye abigishwa biwe ngo bagende mu bihande vyose vyo mw'isi, azoshigikira umukozi wese, ashaka kwamamaza ubutumwa bwiwe ku bwo kwumvira itegeko ryiwe. Mu kwubaka igikorwa ciwe, Uhoraho ntashira imisi yose imbere y'abasuku biwe ikintu cose bakeneye. Rimwe na rirnwe ashira ku munzane ukwizera kw'abantu biwe, mu kuzana ibihe bisaba kugendera mu kwizera. Kenshi abazana mu bibanza bigoye, akabasaba gutera intambwe aho ibirenge vyabo bisa n uko bikoze mu mazi ya Yorodani. Ni muri ivyo bihe, igihe amasengesho y'abasuku bayo aduga kuri yo bizeye vy'ukuri, Imana yugurura xnzira imbere yabo, maze ikabashikana ahashashe. IN 186.1

Iyo intumwa z'Imana zitahuye igikorwa zijejwe co gufasha ibihande bikenye vy'umurima w'Uhoraho, kandi bagakora bisunze umutima wa Mwene igikorwa badahumeka ngo bahindure imitima, abamarayika b'Imana bazobategurira inzira, maze uburyo bukenewe ngo bateze imbere igikorwa butangwe. Abo bamurikirwa bazotangana umutima ubikunze ngo bashigikire igikorwa gikorwa ku bwabo. Mu gutanga bazokwitaba umuhamagaro wose uzosaba ubufasha, kandi Mpwemu w'Imana azokora ku mitima yabo ngo bashigikire igikorwa c'Uhoraho, atari mu mirima y'i wabo gusa, ahubwo no mu turere twa kure. Gutyo abakozi bo mu bindi bibanza bazoronka inkomezi, kandi igikorwa c'Uhoraho kizotera imbere mu nzira yitoranirije. IN 186.2