Ivyakozwe N'intumwa
Ikigabane ca 24: Korinto
Iki Kigabane Gishmikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 18:1-18
Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristo, Korinto cari kimwe mu bisagara bikomeye, atari mu Bugiriki gusa, ahubwo no mw'isi yose. Abagiriki, Abayuda n'Abaroma, hamwe n'ingenzi ziva mu turere twose, buzura mu mabarabara yaho, bagenzwa n'urudandaza no kwinezereza. Igisagara gikomeye mu rudandaza, kigize ihwaniro ry'amayira ava mu mihingo yose y'ubwami bwa Roma, cari ikibanza gihambaye co gushingamwo ivyibutso vy'Imana n'ukuri kwayo. Mu Bayuda bari bacumbitse muri Korinto harimwo Akwila na Purisikila, bahavuye baba abakozi bakomeye ba Kristo. Amaze kumenyera ingeso z'abo bantu, Paulo «abana na bo.» Mu ntango y'ibikorwa vyiwe muri urwo rugendo, Paulo yagenda ahwana n'ingorane zikomeye zimubuza gutera imbere mu gikorwa ciwe. Igisagara nka cose cari cihebeye gusenga ibigirwamana. Venusi yari imana y'ingore kizigenza, kandi muri uko gusenga Venusi bafatanya n'imigenzo n'imihango iteye isoni. Abanyakorinto bari barabaye rurangiranwa, no mu bapagani, kubera ubusambanyi bwabo bwimonogoje. Bisa n'uko i ruhande y'ukwiryoherererwa n'ukwinezereza ata kindi kintu biyumvira muri iki gihe. IN 126.3
Mu gushikiriza inkuru nziza muri Korinto, Paulo yakurikije uburyo butandukanye n'ubwaranze ibikorwa vyiwe muri Atenayi. Muri Atenayi yagerageje kwisunga ingeso z'abamwumviriza; yakoresheje ubuhinga bw'ivyiyumviro nk'uko nabo babikora, ubumenyi ku bumenyi, ubwenge ku bundi. Yiyumviriye gato ku mwanya yamaze i Atenayi, yatahuye ko inyigisho ziwe zitazanye ivyamwa vyinshi, maze ahitamwo gukoresha iyindi nzira mu gikorwa ciwe i Korinto, mu twigoro twiwe two gukwegakwega abantu ataco bitayeho. Yigiriye inama yo kudakoresha ubuhinga bw'imvugo n'impari, maze ahitamwo «kutagira ico amenya mu Banyakorinto kiretse Kristo, kandi Kristo yabambwe.» Yababwiye ubutumwa adakoresheje «amajambo y'ubwenge yo kwemeza abantu, ahubwo amajambo aserukamwo Mpwemu n'ubushobozi.» 1 Ab'i Korinto 2:2, 4. IN 127.1
Yesu, uwo Paulo yari agiye kwereka Abagiriki i Korinto ko ariwe Kristo, yari Umuyuda yavukiye mu muryango w'abakene, yakuriye mu gisagara kirangwamwo ububi. Yari yaranswe n'abo iwabo, baruhira kumubamba nk'umunyakibi. Abagiriki bizera ko ari ngombwa gushira hejuru kiremwa-muntu, ariko bakabona ko kwiga ubumenyi n'ubuhinga ari yo nzira imwe gusa yo gushikira agateka n'icubahiro c'umuntu. Paulo yari gushobora kubasaba kwemera ko kwizera uwo Muyuda atamenyekana yari gushira hejuru kandi agahingura ubushobozi bwose bwa kiremwa? Ku bantu benshi bo muri iki gihe, umusaraba w'i Kaluvari ubibutsa ibintu vyeranda. Ibijanye n'ukubambwa birabanwa icubahiro cmshi. Ariko mu gihe ca Paulo, umusaraba warabwa nk'ikintu c'ubugesera kandi giteye ubwoba. Gushira hejuru nk'Umukiza w'abantu umuntu yapfiriye ku musaraba, vyari ngombwa ngo bamusuzugure kandi bamurwanye. IN 127.2
Paulo yari azi neza ingene ubutumwa bwiwe buzokwakirwa n Abayuda canke Abagiriki b'i Korinto. Yavuze ati, «Tubabarira ivya Kristo, kandi Kristo yabambwe:uyu ku Bayuda ni ikigwisha, ku banyamahanga ni ubupfu.» 1 Ab'i Korinto 1:23. Mu Bayuda bari aho harimwo benshi bari gushavuzwa n'ubutumwa yari agiye kuvuga. Ku bwo Abagiriki amajambo yiwe yari ubupfu. Yari kurabwa nk'umuntu atagira ubwenge mu kugerageza kwerekana ko umusaraba washobora gushira hejuru ikiremwa-muntu canke gukiza abantu. Ariko kuri Paulo umusaraba nico cari ikintu kiruta vyose. Na ntaryo yamye mu gikorwa ciwe atabwa muri yompi ahamwa nk'umwigishwa w'Umunyanazareti yabambwe, uwo atigeze ahengeshanya kuninahariza mu musaraba. Muri ico gihe yari yahishuriwe urukundo ntangere rw'Imana, nk'uko ruhishurirwa mu rupfu rwa Kristo; kandi ihinduka ritangaje ryari ryaraje mu buzima bwiwe, bituma mu migambi yiwe n'integuro ziwe yisunga ijuru. Kuva ico gihe yari yahindutse umuntu musha muri Kristo. Yari azi ahereye ku vyamubayeko, ko iyo umunyavyaha yitegereje urukundo rwa Data, nk'uko rugaragarira mu kwitanga k'Umwana wayo, kandi akemera guhindurwa n'Imana, aca ahinduka mu mutima, maze uhereye ico gihe Kristo akaba vyose muri bose. IN 127.3
Igihe yahindukirira Imana, Paulo yagize icipfuzo co gufasha abandi kwitegereza Yesu Umunyanazareti nk'Umwana w'Imana nzima, afise ubushobozi bwo guhindura no gukiza. Kuva ico gihe, ubuzima bwiwe bwose yabuhebeye kugira akigoro ko kwerekana urukundo n'ubushobozi vya wa wundi yabambwe. Umutima wiwe wuzuye impuhwe werekeza ku bantu b'ivyiciro vyose. Yavuze ati, «Abagiriki bo n'abanyamahanga badebagura, abanyabwenge n'ibipfu, ndi n'umwenda wabo.» Abaroma 1:14. Urukundo rw'Umwami w'ubwiza, uwo yahoze na ntaryo ahama mu bera biwe, ni ryo tegeko ryagenga inyifato yiwe, n'inkomezi zamusunika. Iyo bishitse mu mwete wiwe ari mu gikorwa ciwe agacika intege, kwitegereza umusaraba n'urukundo rutangaje rwahahishuriwe, vyari bihagije kugira ngo yishiremwo akanyarigabo kandi akomeze inzira yo kwiyanka. IN 128.1
Raba iyo ntumwa isigura mw'isinagogi I Korinto, aharira yishimikije ivyanditswe vya Mose n'ivyo abavugishwa n'Imana, kandi agerageza kujana abamwumviriza ku kuza kwa Mesiya yasezeranywe. Umviriza ingene asobanura neza igikorwa c'Umucunguzi nk'umuherezi mukuru w'abantu-uwo, biciye mu kimazi c'ubuzima bwiwe, yategerezwa kuba rimwe gusa impongano y'icaha, hanyuma akabandaniriza igikorwa ciwe mw'ihema ryo mw'ijuru. Abumvise Paulo batahujwe ko uwo Mesiya bari bararindiriye, yari yaraje; ko urupfu rwiwe rwari igitutu c'ibimazi vyose vyatangwa mw'ihema, kandi ko igikorwa ciwe mw'ihema ryo mw'ijuru ari co kintu gitwikira ivyabaye vyose kandi kigasobanura igikorwa c'ubuherezi c'Abayuda. Paulo «yashingiye intahe Abayuda ko Yesu yari Kristo.» Yerekanye mu Vyanditswe vy'Isezerano rya Kera ko nk'uko ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana bo nivyo Abayuda bari biteze, Mesiya yobaye uwo mu ruvyaro rwa Aburahamu na Dawidi; aherako yerekana ingene Yesu akomoka ku mukurambere Aburahamu na wa mwami yanditse amazaburi. Yasomye igishingantahe cerekeye kamere n'igikorwa ca Mesiya yasezeranywe, n'ingene azokwakirwa n'uko azogirirwa kw'isi; hanyuma yerekanye ko izo mburi zose zari zarasohoye mu buzima, igikorwa, n'urupfu rwa Yesu Umunyazareti. IN 128.2
Paulo yerekanye ko Kristo yari yaje imbere ya vyose gutanga agakiza kw'ihanga ryose ryari ririndiriye umuzo wa Mesiya nk'intumbero n'ubwiza vyo ukubaho kwabo nk'ihanga. Ariko iryo hanga ryari ryanse kwakira Uwari kubaha ubugingo, maze bahitamwo uwundi murcmgozi, uwo amaherezo y'ubwami bwiwe ari urupfu. Yipfuza kwumvisha abamwumviriza ko kwihana kwonyene ari kwo kwashobora gukiza ihanga ry'Abayuda uguhona kugiye kuza. Yahishuye ko batazi ubusobanuro bw'ivyo Vyanditswe biratira kuruta ibindi, n'icubahiro batahura neza. Yabatunze urutoke ku buryo bakunda isi, gukunda ivyicaro, ivyubahiro, kwiyerekana, n'ukwikunda kwabo. Mu bushobozi bwa Mpwemu, Paulo yavuze inkuru y'ingene we ubwiwe yahindukiriye Kristo, n'ukwizera afise mu Vyanditswe vy'Isezerano rya Kera, vyari vyasohoye vyose muri Yesu Umunyanazareti. Amajambo yiwe yayavuga yemanga, kandi abamwumviriza vyari ngombwa ngo babone ko yakunda n'umutima wiwe wose Umukiza yabambwe kandi akazuka. Babonye ko ubwenge bwiwe bwari buhanze amaso kuri Kristo, ko ubuzima bwiwe bwose bwari bufatanye n'Umwami wiwe. Amajambo yiwe yakora ku mutima ku buryo abanka urunuka idini rya Kristo bonyene ari bo bashobora kudakorwa ku mutima. IN 129.1
Ariko Abayuda b'i Korinto bugaye amaso yabo ku vyemezo bigaragara vyatanzwe n'iyo ntumwa, maze banka kwumviriza imihamagaro yiwe. Wa mutima wari watumye bahakana Kristo, wabujuje ishavu n'uburakari ku bwo umushumba wiwe; kandi iyo Imana idakinga, ngo akomeze kubwira ubutumwa bwiza abanyamahanga, bari kumwica. «Naho babihaririye kandi barogota ku Mana, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, ati Amaraso yanyu araba ari mwebwe akora. Jeho ndacuna; guhera ubu ndaja ku banyamahanga. Avaho, yinjira mu nzu y'umuntu yitwa Tito Yusito, yubaha Imana, inzu yiwe yari ihereranye n'isinagogi.» Sila na Timoteyo «bari bavuye i Makedoniya» gufasha Paulo, kandi barafatanije gukorera abanyamahanga. Paulo na bagenziwe bamamaje BCristo nk'Umukiza w'abantu baguye, babwira abapagani n'Abayuda. Birinze kuja mu vyo impari zitoroshe z'abanyabwenge, maze izo ntumwa z'umusaraba zibanda kuri kamere y'Umuremyi w'isi, Segaba w'amahanga. Umutima wabo wuzuye urukundo rwTmana n'uwo Umwana wayo, basaba abapagani kwitegereza ikimazi Imana yatanze ku bwo agakiza k'umuntu. Batahuye yuko igihe abo bamye bazigirijwe n'umwiza w'ubupagani bobona umuco usesekara uva ku musaraba w'i Kaluvari, bokwegera Umucunguzi. Umukiza yari yaravuze ati, «Nanje ninamanikwa hejuru y'isi, nzokwikwegerako bose.» Yohana 12:32. IN 129.2
Abo bakozi b'ubutumwa bwiza i Korinto batahuye akaga gakomeye gahanze iyo mitima bariko baracumukurira; berekana ukuri, nk'uko kuri muri Yesu, bumva bafise umutwaro ku bwo abo bantu. Ubutumwa bwabo bwari butomoye kandi bugaragara-akanovera k'ubuzima gatanga ubuzima, canke akanovera k'urupfu gatanga urupfu. Ubutumwa bwiza ntibwahishurwa mu majambo gusa, ahubwo no mu buzima bwa buri musi. Abamarayika bakorana nabo kandi ubuntu n'ubushobozi bw'Imana vyaribonekeza mu guhinduka kw'abantu benshi. «Krisipo, umukuru w'isinagogi, yizera Umwami Yesu n'abo mu nzu yiwe bose; kandi n'Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.» IN 130.1
Urwanko rw'Abayuda bamye banka intumwa, noneho rwarongerekanye. Ihinduka n'umubatizo wa Krisipo vyari vyazanye ingorane aho kwemeza izo ntagondwa zirwanya ubutumwa bwiza. Ntibashobora kuronka ivyiyumviro vyokuvuguruza amajambo ya Paulo, maze kubera badashobora kwiregura bahitamwo inzira y'ububeshi n'ubugizi bwa nabi. Barogota ku butumwa bwiza no kw'izina rya Yesu. Mw'ishavu ryabo rikabije, nta jambo ribi bibanga, nta buryarya bw'ubukozi bw'ikibi batinya gukoresha. Ntibashobora guhakana ko Yesu yakoze ibitangaza, ariko bavuze ko yabikoze mu bushobozi bwa Satani; maze bemanga ko ibitangaza Paulo yakoze na we nyene yabikoreshejwe na Satani. Naho kuri we vyasa n'uko vyagenze neza i Korinto, ububi yabonye kandi yumvise muri ico gisagara cibasiwemwo ububisha, vyahatswe kumuca intege. Ububi yabonye mu banyamahanga, induru n'ibitutsi vy'Abayuda vyamuteye agahinda. Yongereje ubwenge mu kugerageza kwubaka ishengero akoresheje ibikoresho yasanze aho hantu.Ubwo yariko aritegura kuva muri ico gisagara ngo aje mu murima ugendeka gusumba, kandi akagerageza gutahura neza ibanga ajejwe, Umwami yaramwiyeretse nko mu ndoto, maze avuga ati: «Ntutinye, ariko uvuge, woye gucereza: kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngo akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi muri iki gisagara.» Paulo yatahuye ko iryo ryari itegeko rimusaba kuguma i Korinto, kandi n'icemezo ko Umwami azokuza imbuto yabibwe. Aronka inkomezi n'intege, akomeza igikorwa n'ubwira no kwihangana. IN 130.2
Igikorwa ca Paulo nticabaye ico kuvugana n'abantu mu makoraniro gusa; hari abantu benshi atari gushikira muri ubwo buryo. Yamaze igihe kitari gito akora inzu ku yindi, bituma amenyana n'imiryango. Yaragendera abarwaye n'abari mu kababaro, ahumuriza abari mu marira, akomeza abatotezwa. Kandi mu vyo yakora vyose, yashira hejuru izina rya Yesu. Nuko rero «yakoranye intege nke, afise ubwoba kandi ahinda agashitsi kenshi.» 1 Ab'i Korinto 2:3. Yahinda agashitsi atinya ko inyigisho ziwe zogaragaramwo kamere ya kimuntu aho kurangwa na kamere y'Ubumana. «Yamara tuvugana ubwenge hagati mu batunganijwe rwose,» niko Paulo yavuze inyuma y'aho. «Ariko ubwo bwenge si ubw'iki gihe, canke ubwo abaganza b'iki gihe bagenda bayoka. Ariko tuvugishwa n'ubwenge bw'Imana bwari bwaragizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ubwo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu. Kandi mu baganza b'iki gihe nta wabumenye! iyo baba barabumenye ntibaba barabamvye Umwami w'icubahiro. Ariko nk'uko handitswe ngo ivyo ijisho ritigeze kubona, n'ivyo ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mutima w'umuntu, vyose Imana yabiteguriye abayikunda. Ariko Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo: Mpwemu asesa vyose, n'ibihishijwe vyTmana. Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atari impwemu yiwe, iri muri we? Ni ko n'ivy'Imana biri, nta wubizi, atari Mpwemu w'Imana. Ariko tweho ntitwahawe impwemu y'iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivyo Imana yaatugabiye. Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n'ubwenge bw'abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivyo impwemu n'ivyo impwemu yindi.» 1 Ab'i Korinto 2:6-13. IN 130.3
Paulo yatahuye ko kuroranirwa kwiwe kutari guhagaze muri we, ahubwo kwari muri Mpwemu Yera, yamwuzuza umutima n'ubuntu bwiwe, iciyumviro cose kigafatwa mpiri ku bwa Kristo. Yivuzeko ati, «Imisi yose tugendana mu mubiri urupfu rwa Yesu, ngo ubugingo bwa Yesu nabwo buserukire mu mubiri wacu.» 2 Ab'i Korinto 4:10. Mu nyigisho z'iyo ntumwa, Yesu niwe yagirwa nyambere. Yavuze ati, «Ndiho, yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe.» Ab'i Galatiya 2:20. Inarije yarahishijwe; Kristo arahishurwa kandi ashirwa hejuru. Paulo yari umuntu w'imvuzi. Atarahinduka, yahora atangaza abantu ku bwo ubuhinga bw'imvugo ihinyanyuye. Ariko noneho ivyo vyose yabishize i ruhande. Aho kwisunga ubuhinga bw'imvugo ngereranyo y'abanditsi karuhariwe ariko idashobora gukora ku buzima bwa misi yose, Paulo yagerageje gukoresha imvugo yoroshe, ngo atahuze abantu ukuri kw'agaciro ntangere. Imvugo ngereranyo iryoboye ishobora kunezereza abantu, ariko imisi yose ukuri gutanze- muri bene ubwo buryo ntibutanga imfungurwa zikenewe zozana ingoga kandi zigakomeza umwizera mu ntambara z'ubuzima. Ubukene bwa misi yose, amageragezwa y'iki gihe, imitima irwana nayo-ibi bitegerezwa gutorerwa umuti n'inyigisho ngenderwako za Kristo zikora ku buzima bw'umuntu. IN 131.1
Utwigoro twa Paule i Korinto ntitwabaye impfagusa: Benshi bahevye gusenga ibigirwamana, bakorera Imana Nzima, kandi ishengero rinini ryaje musi y'ibendera rya Kristo. Bamwe barokotse mu bupagani aho bari bibasiwe n'ivyaha, kandi bahinduka ivyibutso vy'ubuntu bw'Imana n'ubushobozi bw'amaraso ya Kristo yoza ivyaha. Ubwo Paulo yarushirije kuroranirwa mu kwamamaza Kristo, vyatumye Abayuda batizeye noneho bafata ingingo yo kumurwanya bivuye inyuma. «Bahuza inama bakurira hasi Paulo, bamuzana imbere y'intebe y'imanza»y'uwitwa Galiyo, icegera ca Kayisari muri Akaya. Bibaza ko abategetsi, nk'uko vyari vyagenze kenshi, bazobashigikira; nuko basemerera n'ishavu bidogera iyo ntumwa, bavuga ngo «Uyu mimtu yemeza abantu gusenga Imana mu buryo bunyuranye n'ivyagezwe.» IN 131.2
Idini ry'Abayuda ryari rikingiwe n'ubushobozi bwa Roma, kandi abarega Paulo biyumvira ko bashoboye kumuremekako icaha co guhonyanga ivyagezwe vy'idini ryabo ashobora gutererwa mu maboko yabo, bakamudedaguza kandi bakamuhana. Gutyo rero bizera ko baronka agatwe kiwe. Ariko Gahyo yari umuntu w'intungane, kandi yaranse kugwa mu mutego w'urwanko n'uburyarya bw'Abayuda. Ababazwa n'ugukavya mu vyo idini ryabo, no kwiyita abagororotsi, yanka kwakira ibirego vyabo. Paulo yiteguye kwiregura, Galiyo amubwira ko bidakenewe. Ahindukirira abo barezi buzuye ishavu, ati: «Iyo haba hari habonetse ibirego vy'icaha, canke igicumuro kigoye, yemwe Bayuda, hari kuboneka inyanduruko yuko ndabihanganira kubumva: ariko ko ari ibihari vy'amajambo n'ivyo amazina n'ivyo ivyagezwe vyanyu, ubwanyu, ni mubimare ubwanyu:jeho singomba guca urubanza rwa bene ivyo. Abirukana imbere y'intebe y'imanza. Ariko Gahyo ivyo vyose ntiyabibabara.» IN 132.1
Baba Abayuda canke Abagiriki bari barindiranye igishika ingingo ya Galiyo; kandi kubona yaciye ashira i ruhande urwo rubanza, nk'uko atoba yitayeho inyungu z'abanyagihugu, vyatumye Abayuda bidohora, bashavuye babonye vyabatitukanye. Ingingo icegera ca Kayisari yafashe yuguruye amaso y'isinzi ry'abo bagumutsi bari bohejwe n'Abayuda. Ryabaye irya mbere kuva Paulo akorera mu Burayi, abona abanyagihugu baja ku ruhande rwiwe; mu maso nyene y'ico cegera ca Kayisari, kandi ata na kimwe abategetse, basimbiye kuri umwe mu bakomeye barega Paulo. «Abagiriki bose basumira kuri Sositene, umukuru w'isinagogi, bamukubitira imbere y'intebe y'imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.» Gutyo Ubukristo buba buronse intsinzi ikomeye. «Paulo amarayo iyindi misi myinshi hanyuma y'ivyo.» Iyo Paulo muri ico gihe biba ngombwa ngo ave i Korinto, abizera Yesu bari kuja mu kaga gakomeye. Abayuda bari guca baboneraho akaryo, bagashika no ku rugero rwo guhonya idini rya Kristo muri ako karere. IN 132.2