Ivyakozwe N'intumwa

14/58

Ikigabane ca 14: Umuntu Arondera Ukuri

Iki Kigabane gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 9:32 ; 11:18.

Mu gihe yariko aravuga ubutumwa bwiza, intumwa Petero yagendeye abizera i Luda. Akiza Ayineya, yari amaze imyaka umunani avundiye mu buriri kuko yari yaramugaye.Iyo ntumwa ivuga iti, «Ayineya, Yesu Kristo aragukijije.» «Aca arahaguruka ako kanya. Ababa i Luda n'i Saroni bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.» I Yopa, yari i ruhande ya Luda, hari umugore yitwa Doruka, ibikorwa vyiwe vyiza vyari vyatumye akundwa cane. Yari umwigishwa wa Yesu w'intungane, kandi ubuzima bwiwe bwarangwa n'ibikorwa vy'ubugwaneza. Yari azi umuntu akeneye agahuzu, n'uwari akeneye kwitabwaho, kandi yafasha aboro n'abababaye n'umutima ubikunze. Intoke ziwe zari zikerebutse kurusha ururimi rwiwe. «Muri iyo misi ararwara, arapfa.» Ishengero i Yopa ribonye ko ryabuze, kandi ryumvise ko Petero yari i Luda, abizera bamutumako intumwa, «bamwinginga ko atoteba kubashikira. Nuko Petero ava hasi ajana nabo. Ashitseyo, bamujana muri ya nzu yo hejuru: abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n'imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo. «Ntibitangaje kubona barira, wihweje ingene Doruka yabayeho yitangira abandi. IN 68.1

Iyo ntumwa igira ikigumbagumba n'impuhwe, ibonye akababaro kabo. Nuko ataramura abo bavandimwe ngo bave muri ico cumba, arapfukama, maze asenga Imana yinginga ngo igarukane Doruka abe muzima. Ahindukirira uwo muvyimba, ati «Tabita, vyuka. Arakanura: maze abonye Petero aravyuka aricara.» Doruka yari yakoreye vyinshi ishengero, kandi Imana yashimye kumugarukana muri iyisi y'umwansi, ngo ubukerebutsi n'inkomezi vyiwe bibandanye kubera abandi umugisha, kandi ku bwo kwigaragaza kw'ubushobozi bwayo igikorwa ca Kristo gihabwe inkomezi. Igihe Petero yari akiri i Yopa, niho yahamagarwa n'Imana ngo ashire ubutumwa bwiza Koruneliyo, i Kayisariya. Korunehyo yari intwazangabo y'abasoda ijana. Yari umimtu atunze kandi wo mu nda y'abami, kandi igikorwa yari ajejwe cari ico umuntu yizigirwa kandi yubahwa. Yari yavutse ari umupagani, yiga mu bapagani, kandi arererwa mu bapagani. Kubera yabanye n'Abayuda, yaramenye Imana, kandi yarayisenga n'umutima utagira ubudyadya, yerekana ukuri kw'ukwizera kwiwe mu gufasha aboro. Yari azwi hose ku vyiza yakora, kandi ubuzima bwiwe bugororotse bwatumye avugwa neza n'Abayuda, mbere n'abanyamahanga. Ubuzima bwiwe bwari umugisha ku bantu bose bahwana nawe. Ivyanditswe Vyera bivuga ko yari «umuntu yubaha Imana n'abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bwinshi, agasenga Imana ubudasiba.» Kuko yizera Imana nk'Umuremyi w'ijuru n'isi, Korunehyo yarayubaha, akemera ububasha bwayo kandi akayisaba inama mu vyo akora vyose. Yizera Yehova mu rugo rwiwe no mu bikorwa yashinzwe n'igihugu. Yari yarubatse igicaniro mu nzu yiwe, kuko atahirahira ngo agire umugambi uwo ari wo wose canke kurangura ibikorwa ajejwe adasavye ubufasha bwTmana. IN 68.2

Naho Koruneliyo yemera Ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana kandi yari arindiriye Mesiya azoza, nti yari azi ubutumwa bwiza nk'uko buhishuwe mu buzima n'urupfu vya Kristo. Nti yari umwe mu bagize ishengero ry'Abayuda, kandi abigisha b'ivyanditswe bamufata nk'umupagani n'uwuhumanye. Ariko wa Murinzi Yera yabwira Aburahamu ati, «Ndamuzi,» na Korunehyo yari amuzi, niko kumurungikira intumwa ivuye mw'ijuru. IN 69.1

Uwo mumarayika yiyeretse Korunehyo ariko arasenga. Iyo ntwazangabo y'abasoda ijana yumvise ihamagawe mw'izina, yagize ubwoba, ariko imenya ko iyo ntumwa yari yavuye ku Mana, niko kuvuga iti, «Ni iki ga Mwami?» Wa mumarayika yishura ati, «Gusenga kwawe n'ubuntu bwawe vyaduze biba icibutso imbere y'Imana. None rero tuma abantu i Yopa, utumeko umuntu yitwa Simoni, ariwe Petero; asembereye kwa Simoni umukanyi w'insato, urugo rwiwe ruri i ruhande y'ikiyaga.» Uburyo outomoye yamurongoyemwo, akavuga mbere n'igikorwa uwo muntv yabana na Petero akora, vyerekana ko Ijuru rizi ido n'ido ubuzima n'igikorwa c'umuntu wese aho ageze hose mu rugendo rw'ubuzima. Imana irazi neza ubuzima n'igikorwa c'umukozi wo hasi y'abandi, nk'uko izi uwicaye ku ntebe y'ubwami. «Rungika abantu i Yopa, maze utumeko umuntu yitwa Simoni.» Aha Imana yerekanye ko yitayeho igikorwa c'ubutumwa bwiza, n'ishengero ryayo rifise inzego z'uburongozi. Uwo mu marayika ntiyari yahawe igikorwa co kubwira Koruneliyo inkuru y'umusaraba. Umuntu ashobora kugira intege nke agashikirwa n'ibigeragezo, nka Koruneliyo, niwe yategerezwa kumubwira Umukiza yabambwe kandi akazuka. IN 69.2

Nk'ivyariho vyayo mu bantu, Imana ntiyatoye abamarayika batigeze bakora icaha, ahubwo yatoye abantu, bafise ivyifuzo nk'ivyo abo bantu bagendereye gukiza. Kristo yambaye umubiri w'umuntu ngo akize umuntu. Umukiza, Imana-Muntu, yari akenewe ngo azanire isi agakiza. Kandi abagabo n'abagore nibo bahawe igikorwa cera co gutangaza «itunga rya Kristo ritagira imbibe.» Abanyefeso 3:8. Uhoraho mu bwenge bwiwe azana abantu barondera ukuri akabashikana ku bantu bazi ukuri. Umugambi w'ijuru ni uko abaronse umuco bawushira abari mu mwiza. Abantu bavoma ububasha kw'isoko nkuru y'ubwenge, bagizwe ibikoresho ubutumwa bwiza bucamwo ngo buhindure ubwenge n'umutima. IN 70.1

Koruneliyo yumviye ivyo yeretswe. Wa mumarayika amaze kugenda, ya ntwazangabo y'abasoda ijana «yahamagaye babiri mu basuku biwe, n'umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira, ahejeje kubiganira vyose, abatuma i Yopa.» Wa mumarayika ahejeje kuvugana na Korunehyo, yagiye kwa Petero, i Yopa. Ico gihe Petero yariko arasenga ari hejuru ku nzu, kandi dusoma ngo «yumva ashonje, agomba kurya: bakibirondera, amera nk'uwurota.» Petero nti yari ashonje ivyokurya vy'umubiri gusa. Ubwo yari hejuru ku nzu, yitegereje igisagara c'i Yopa n'uturere tuhakikuje twaho bishonje agakiza. Yifuza cane kubashikiriza inkuru z'imibabaro n'urupfu vya Kristo biri mu vyavuzwe n'abavugishwa n'Imana. Petero abona «ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk'uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kiza hasi, harimwo ubwoko bwose bw'ibigenza amaguru ane, n'ibikwega inda hasi vyo kw'isi, n'ibiguruka vyo mu kirere. Haza ijwi, riramubarira, riti, Va hasi, Petero, ubage, urye. Petero ati Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira canke igihumanya. Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, riti ivyo Imana yahumanuye, reka kuvyita ibizira. Biba bityo gatatu, ico kintu gica gisubizwa mw'ijuru.» Ivyakozwe n'Intumwa 10:11-16. IN 70.2

Ivyo Petero yeretswe vyari bigendereye gukosora no kumwigisha. Vyamuhishuriye intumbero y'Imana-ko biciye mu rupfu rwa Kristo abanyamahanga bategerezwa kugirwa abaraganwa n'Abayuda imihezagiro y'agakiza. Gushika ico gihe, nta n'umwe mu bigishwa yari bwigishe ubutumwa bwiza abanyamahanga. Mu bwenge bwabo, igihome cabatandukanya casenyuwe n'urupfu rwa Kristo, cari kikiriho, kandi ibikorwa vyabo vyagarukira ku bayuda, kuko baraba abanyamahanga nk'abakumiriwe ku mihezagiro y'ubutumwa bwiza. Uhoraho yashaka kwigisha Petero ko umugambi w'Imana ari uwo gukiza amahanga yose. IN 70.3

Benshi mu banyamahanga bari bumvirije neza insiguro ya Petero n'izindi ntumwa, kandi benshi mu Bayuda b'Abagiriki bari bizeye Kristo, ariko ihinduka rya Koruneliyo ryabaye irya mbere mu banyamahanga. Igihe cari kigeze kw'ishengero rya Kristo ngo igikorwa cinjire mu kiringo gisha. Urugi Abayuda benshi bahindukiriye Kristo bari barugaye ngo abanyamahanga ntibinjire, rwari rwugurutse. Kandi abapagani bakiriye ubutumwa bwiza bategerezwa kurabwa nk'abangana n'abigishwa bakomotse mu Bayuda, batarinze gukurikiza umugenzo wo gukebwa. Raba ubwitonzi Umwami yakoranye ngo arandure ivyiyumviro bigoramye Ku vyerekeye abanyamahanga vyari vyinjijwe muri Petero n'indero yiwe y'Ikiyuda! Ku vyo yeretswe vy'igihuzu n'ibiri muri co, yashaka ko iyo ntumwa yitandukanya n'ibi vyiyumviro bigoramye, no kwigisha ukuri guhambaye ko mw'ijuru ata gutandukanya abantu; ko Umuyuda n'Umunyamahanga bose bafise agaciro kangana mu maso y'Imana; ko muri Kristo abapagani bashobora kugirwa abasangira n'abandi imihezagiro n'imigisha y'ubutumwa bwiza. IN 71.1

Igihe Petero yariko yiyumvira ubusobanuro bw'ivyo abonye, ba bagabo barungitswe bavuye i Yopa baba barashitse kandi bahagarara kw'irembo y'aho yari asembereye. Mpwemu amubwira ati, «Hari abantu batatu bariko barakurondera. None va hasi, wururuke ujane na bo ataco ukekeranya: kuko ari jewe ndabatumye.» Kuri Petero iri tegeko ryamubereye nk'ikigeragezo, kandi yagenda afise amakenga mu kugira intambwe akora ico ategetswe; ariko nti yubahutse kugambarara. «Arururuka, asanga abo bantu aho bari, arababarira, ati Ni jewe uwo murondera: mbega mugenzwa n'iki? Bamubwira ko bagenzwa n'ikintu kimwe gusa, bati «Korunehyo, intwazangabo y'abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n'ubwoko bwose bw'Abayuda, yabariwe n'umumarayika yera kugutumako, ngo uze iwe, yumve amajambo yawe.» IN 71.2

Iyo ntumwa ku bwo kwubaha ibivuye ku Mana, asezerana kujana nabo. Bukeye ava hasi aja i Kayisariya, aherekejwe na bene Data batandatu. Aba bategerezwa kuba ivyabona ku vyo azovuga vyose canke azokora mu kiringo azoba ariko aragendera abanyamahanga, kuko Petero yari azi ko azobazwa impamvu yateye kubiri n’ inyigisho z'Abayuda. Ubwo Petero yinjira mu nzu y'umunyamahanga, Koruneliyo nti yamuramukije nk'umushitsi asanzwe, ariko yamuhaye icubahiro co mw'ijuru nk'intumwa irungitswe n'Imana. Wari umugenzo wo mu buseruko kwunamira umuganwa canke abandi banyacubahiro, n'abana kwunamira abavyeyi babo; ariko Kornehyo we yararengejeko kuko abonye intumwa irungitswe n'Imana kumwigisha, yikubita ku birenge vy'iyo ntumwa aramupfukamira. Petero agwa mu gahundwe, akura hasi iyo ntwazangabbo y'abasoda ijana, avuga ati, «Va hasi; nanje ndi umuntu nkawe.» IN 71.3

Intumwa za Koruneliyo igihe zari zatanguye urugendo, iyo ntwazangabo y'abasoda «yari yaciye ikoranya incuti n'abagenzi,» ngo nabo nyene baze kwumviriza inyigisho z'ubutumwa bwiza. Petero ashitse, asanga abantu benshi bakoranye banyotewe kwumva amajambo yiwe. Abo bantu bakoranye, Petero yabanje kubabwira ivy'umugenzo w'Abayuda, ko bitemerewe n'amategeko kwivanga n'abanyamahanga, ko kubikora bihumanya. Avuga ati, «Murazi yuko kizira ko umuntu w'Umuyuda yifatanya n'uwo ubundi bwoko, canke ko amugendera: ariko jeho Imana yanyeretse yuko ntogira umuntu nita ikizira canke igihumanya. Nico catumye nza ntarinze guhakana, ntumweko. None rero ndabaza ico mwantumiyeko ico ari co?» Koruneliyo aherako amwiganira ivyamushikiye vyose, n'amajambo y'umumarayika, arangiza avuga ati, «Uwo mwanya nca ndagutumako rero nawe urayobotse ko uje. None rero, twese turi hano imbere y'Imana, kwumva ivyo Umwami Imana yakugeze kutubwira vyose.» Petero yavuze ati, «Ni ukuri niho nkimenya ko Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose uwuyubaha, agakora ivyo ukugororoka, iramwemera.» IN 72.1

Iyo ntumwa iherako yigisha iryo koraniro ry'abantu bateze amatwi cane ivya Kristo-Ubuzima bwiwe. Ibitangaza vyiwe, ingene bamuguze, n'ingene bamubamvye, izuka ryiwe n'iduzwa ryiwe mw'ijuru, n'igikorwa ciwe mw'ijuru nk'uwuserukira abantu kandi akababuranira. Igihe Petero yabereka Yesu nk'ivyizigiro vy'abanyavyaha, we ubwiwe yatahuye neza ubusobanuro bw'ivyo yari yeretswe, maze umutima wiwe unezerwa n'ugutahura ukuri yariko arigisha. Amajambo ya Petero buno nyene ahagarikwa n'ukumanuka kwa Mpwemu Yera. «Petero akivuga ayo majambo Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose. Abizeye bo mu bakebwe barumirwa, abazananye na Petero uko bangana, kuko n'abanyamahanga na bo basutsweko ingabire, ari yo Mpwemu Yera. Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. IN 72.2

«Maze Petero arababaza, ati mbega hari uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo babatizwe? Avuga ko babatizwa mw'izina rya Yesu Kristo.»Uku niko ubutumwa bwiza bwahawe abahora ari abariyamahanga n'abakure, bubagira abavukana n'abera, n'abo mu nzu y'Ima ia. Guhinduka kwa Koruneliyo n'abo mu nzu yiwe bose wari umushuzo w'umwimbu uzosarugwa. Uhereye kuri iyo nzu, igikorwa c'ubuntu caragutse gjkwira muri ico gisagara c'abapagani. Uyu musi Imana iriko irarondera imitima mu bantu bo hejuru no mu boroheje. Hari benshi bameze nka Korunehyo, abagabo Umwami yifuza gushira mu gikorwa ciwe mw'isi. Bifuza kuba mu bantu b'Imana, ariko imigozi ibaboheye kw'isi iragumye cane. Hakenewe ko abantu b'inshigwarimenetse bafata ingingo ku bwa Kristo. Hategerezwa gukorwa utwigoro tudasanzwe ku bw'iyo mitima, iri mu kaga gakomeye, kubera amabanga bajejwe n'abo bagendana. IN 72.3

Imana irahamagara abakozi b'inkomezi, bicisha bugufi, bazotwara ubutmwa bwiza ku bantu b'abanyacubahiro. Hari ibitangaza vy'ukuri vyokorwa maze abantu bagahinduka,-ibitangaza bitabonwa ubu. Abantu bahambaye cane b'iyi si ntibashobora kunanira Imana ikora ibihambaye. Iyaba abo bakorana nayo ari abantu bakoresha akaryo kose baronse, bagakora ico bajejwe nk'abahizi n'abizigirwa, Imana yohinduye abantu barangura amabanga ahambaye, abantu b'ubwenge n'ijunja. Mu bushobozi bwa Mpwemu Yera benshi bazemera amategeko y'Imana. Bahindukiriye ukuri, bazoba ibikoresho mu minwe y'Imana, bashire abandi umuco. Bazikorera umutwaro udasanzwe ku bw'aba bantu bari muri uyu murwi wirengagijwe. Umwanya n'amahera bizotangwa ku bw'igikorwa c'Umwami, kandi inkomezi n'ubushobozi busha buzokwiyongera kw'ishengero. IN 73.1

Kubera Koruneliyo yagendera inyigisho zose yahawe, Imana yarongoye ibintu ku buryo yashoboye kuronka ukundi kuri. Intumwa ivuye mu birimba vyo mw'ijuru yarungitswe kuri iyo ntwazangabo y'Umuroma, no kuri Petero kugira ngo Koruneliyo aronke uwushobora kumuyobora ku muco munini. Hari benshi mw'isi yacu bari hafi y'ubwami bw'Imana kuruta uko tuvyibaza. Muri iyi si y'umwiza w'icaha Umwami arafise amabuye y'agaciro, abo azorungikira intumwa ziwe. Ahantu hose hariho abantu bazokwifatanya na Kristo. Benshi bazoha agaciro ubwenge bw'Imana kuruta inyungu zose z'iyi si, kandi bahinduke abatwaramuco b'intungane. Bagpberewe n'urukundo rwa Kristo, bazogobera abandi kuza kuri We. Bene Data bari i Yudaya bumvise ko Petero yagiye mu nzu y'umunyamahanga kandi akigisha abahakoraniye, baratangaye kandi birabababaza. Batinya ko iyo nyifato, yasa kuri bo nk'iyo ukwiyemera gukabije, yari guhava ivuguruza inyigisho yiwe ubwiwe. Igihe bongeye kubona Petero baramuhambariye, bavuga ngo, «ko winjiriye abatakebwe ugasangira na bo.» Petero atangura kubiganira uko vyagenze. Ababwira ivyo yabonye yeretswe kandi abinginga'gutahura ko vyamusaba kutongera kwubahiriza umuhango watandukanya abakebwe n'abatakebwe, no kutonwera kuraba abanyamahanga nk'abahumanye. Ababarira itegeko yahawe ryo kuja mu banyamahangaa, n'ugushika i Kayisariya, n'ingene yahuye na Koruneliyo. Yarabaciriye ku mayange ingingo nyamukuru z'ico kiganiro yagiranye n'iyo ntwazangabo y'abasoda ijana, imubwira ivyo yeretswe bimusaba gutumako Petero. IN 73.2

Avuga ati, «Ngitangura kuvuga, Mpwemu Yera arabamanukira, nk'uko yamanukiye kuri twebwe ubwa mbere. Nibuka rya jambo ry'Umwami Yesu, uko yavuze, ati Yohana yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatizwa na Mpwemu Yera. None ko Imana yabahaye ingabire imwe n'iyo natwe twahawe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe ndi iki gishobora gutangira Imana? Bavyumvise, baca baranuma. Bemeye ko inyifato ya Petero yari ihwanye n'integuro y'Imana, kandi ko ivyiyumviro vyabo bigoramye n'inyifato yabo yo gukumira abandi yari iteye kubiri n'iciyumviro c'ubutumwa bwiza, bahimbaza Imana bavuga bati, «Noneho rero Imana ihaye n'abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.» Uku niko, ata ngorane zibayeho, ivyiyumviro bigoramye vyasenyuwe, ikumira ryari ryashinzwe n'umugenzo kuva kera rigahebwa, kandi inzira yo kubwira ubutumwa abanyamahanga ikuguruka. IN 73.3