Ivyakozwe N'intumwa

12/58

Ikigabane ca 12: Uwahoze Ahama Abakristo Ahinduka Umwigishwa Wa Kristo

Iki Kigabane Gishitnikiye ku Vyakozwe n'lntumwa 9:1-18.

Mu barongozi b'Abayuda bahindutse ku bw'intsinzi yagaragaje igikorwa c'ubutumwa bwiza, harimwo Sauli w'i Taruso. Umuroma w'inyamo, Sauli yari kandi Umuyuda w'amavuko kandi yari yigiye i Yerusalemu ku birenge vy'umwigisha rurangiranwa. «Ndi uwo mu bwoko bwa Isirayeli, ndi uwo mu muryango wa Benyamini,» Sauli, yari «Umuheburayo mu Baheburayo; ku vyo gushimikira ku vyagezwe, ndi Umufarisayo; Ku vy'ishaka nahama ishengero; ku vyo ukugororoka kuzanwa n'ivyagezwe, nta wabonye ico angaya.» Ab'i Filipi 3:5, 6. Yabonwa n'abigisha b'ivyanditswe nk'umusore afise kazoza kuzuye ivyizigiro, kandi babona muri we umuntu ashoboye kandi w'intwari mu kurwanira ukwizera kwa kera. Kuduzwa kwiwe ngo abe umwe mu bagize inama ya Sentare Nkuru y'Abayuda kwamuhaye ububasha bwinshi. IN 58.1

Sauh yari yagize uruhara rukomeye mu rubanza rwa Stefano, kandi ivyemezo ntahinyuzwa vyerekana ko Imana yari kumwe n'uwo muntu yazize ukwizera, vyatumye Sauli akekeranya ubugororotsi bw'igikorwa yari yarihaye co kurwanya abigishwa ba Yesu. Ubwenge bwiwe bwarahungabanye. Abuze ayo acira n'ayo amira yitabaza abo yari yizeye ko bafise ubwenge n'ubushishozi. Ubusobanuro bw'abaherezi n'abategetsi, amaherezo bumwemeza ko Stefano yari umurogosi, kandi ko Kristo uwo mwigishwa yapfuye azira yari umuhumvyi, kandi ko abakorera ahera bategerezwa kuba bari mu kuri. Nti vyoroheye Sauli gushika kuri iyi ngingo. Ariko amaherezo, amashure yiwe n'ivyiyumviro yari yarishizemwo, icubahiro yaha abigisha biwe ba kera, n'ubwibone buvuye ku gushimagizwa na bose, vyamuteye kurwanya ijwi ry'umutimanama n'ubuntu bw'Imana. Amaze guhitamwo neza ko abaherezi n'abanditsi b'ivyagezwe bari mu kuri, Sauli yongereje inkomezi mu kurwanya inyigisho z'abigishwa ba Kristo. Igikorwa ciwe co gushengeza abagabo n'abagore beranda imbere y'ubucamanza, aho bamwe bacirwa urwo gufungwa abandi mbere urwo gupfa, kubera gusa bizeye Kristo, vyazanye umubabaro n'agahinda kuri iryo shengero ryari riherutse gushingwa, bituma benshi barondera ubukiriro mu guhunga. IN 58.2

Abatujijwe i yerusalemu n'agahamo «bagenda hose bavuga ijambo ry'Imana.» Ivyakozwe n'Intumwa 8:4. Kimwe mu bisagara bagiyemwo ni Damasiko, aho uko kwizera gusha kwakiriwe n'abantu benshi. Abaherezi n'abategetsi bari bibwiye ko ku bwo ubugenduzi bwiza n'agahamo ruhasha izo nyigisho z'ibinyoma zizozimangana. Ubu rero babona ko bikenewe ko bajana mu tundi turere ingingo bafatiye izo nyigisho nsha. Ku bwo igikorwa kidasanzwe bifuza gukorera i Damasiko, Sauh ati, tuma jewe. «Akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b'Umwami imihigo y'ubwicanyi,» «aja ku muherezi mukuru, amusaba ivyete vyo guha ab'amasinagogi y'i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikiye Yesu, ari abagabo canke abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.» Gutyo, «Amaze guhabwa ubushobozi n'abaherezi,» Sauli w'i Taruso, yuzuye inkomezi z'ubusore, kandi arurumba umuriro w'ishaka ry'ikinyoma, ahaguruka afata urugendo rutazibagiranwa, agiye guhura n'ibintu bidasanzwe bizohindura ubuzima bwiwe bwose. Ivyakozwe n'Intumwa 26:12. IN 59.1

Ku musi wa nyuma w'urugendo rwiwe, «mu gicamusi,» ubwo izo ngenzi zirushe zegereza Damasiko, bashika aho bashobora kubona neza ako karere kanini k'isi imera, uturima duteye igomwe, uturima tw'ivyamwa, tuvomererwa n'imigezi y'akayaga itemba iva mu misozi ihakikuje. Inyuma y'urugendo rurerure mu bugaragwa, ivyo bintu mu vy'ukuri vyabazaniye intege nsha. Igihe Sauh n'abamuherekeje bariko basamarira ico kiyaya gitotahaye n'igisagara ciza hepfo yaho, «nk'uko abivuga hanyuma,» haza «umuco, ukayangana irya n'ino, twe n'abo tugendanye,» Ivyakozwe n'Intumwa 26:13, ukayangana ku buryo ata maso y'umuntu yoshobora kuwuhangara. Yikubita hasi nk'uwapfuye, yahumye.Uwo muco ukibandanya kurabagirana i ruhande yabo, Sauh yumva ijwi rivuga ... mu rurimi rw'Igiheburayo» Ivyakozwe n'Intumwa 26:14 ngo «Sauh, Sauli, umpigira iki? Nuko nanjfe ndabaza, nti Uri nde ga Mwami? Aranyishura, ati Ndi Yesu, uwo uriko urahiga: Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.» Agira ubwoba, asa n'uwabaye impunyi ku bw'uwo muco ukaze cane, bagenzi ba Sauh bumva ijwi, ariko nti bagira umuntu babona. Ariko Sauh we yumvise amajambo yavuzwe, kandi ahishurirwa neza uwayavuze-Umwana w'Imana ubwiwe. Muri Uwo muntu w'ubwiza yari ahagaze imbere yiwe abona Umwe yabambwa. IN 59.2

Ku mutima w'uwo Muheburayo yabaye intere, ishusho y'Umukiza yiyanditse burundu. Amajambo yavuzwe yinjiye mu mutima yuzuye inkomezi ziteye ubwoba. Mu vyumba vy'umutima wiwe wuzuye umwiza haseseka umuco w'isegenya, uhishura ubutamenya n'ikosa vy'ubuzima bwiwe bwahise, n'ubukene noneho bw'umuco wa Mpwemu Yera. Sauli yaciye atahura ko mu guhama abigishwa ba Yesu mu vy'ukuri yariko arakora igikorwa ca Satani. Yabonye ko ivyo yiyumvira ko ari ukuri, n'igikorwa yakora vyari bihagaze ku ruhande runini ku kwizera yari yashize mu baherezi n'abategetsi. Yari yabemeye igihe bamubarira ko inkuru y'izuka bwari ubuhendanyi bw'abigishwa. Ubu noneho ko Yesu yamwiyeretse Ubwiwe, Sauh yemeye ko ivyo abigishwa bavuga ari ukuri. IN 60.1

Muri iyo saha y'imurikirwa ryo mw'ijuru, ubwenge bwa Sauli bwakoze ningoga. Amajambo yanditswe n'abavugishwa n'Imana yaciye ayatahura. Yabonye ko ukwankwa n'Abayuda, ukubambwa kwiwe, izuka n'ukuduga kwiwe mw'ijuru vyari vyarabuwe n'abavugishwa n'Imana, kandi ko vyamwemeza nka Mesiya yari yarasezeranywe. Insiguro ya Stefano igihe yapfa azira ukwizera kwiwe, yakubise ku mutima wa Sauli, kandi atahura ko vy'ukuri uwo muntu koko yari «yabonye ubwiza bw'Imana» igihe yavuga ati, «Ehe mbona ijuru rikingurutse, n'Umwana w'Imana ahagaze i buryo bw'Imana.» Ivyakozwe n'Intumwa 7: 55, 56. Abaherezi bari bavuze ko ayo majambo yari amarogotano, ariko Sauh noneho yatahuye ko ari amajambo y'ukuri. Mbega ihishurirwa ryahawe uwahoze ahama abakristo! Ubu rero Sauli yamenye adakekeranya ko Mesiya yasezeranywe yari yaje kw'isi, ari Yesu Umunyanazareti, kandi ko banse kumwakira, kandi akabambwa n'abo yaje gukiza. Yamenye kandi ko Umukiza yari yazutse n'intsinzi, kandi akaduga mw'ijuru. Ico gihe Imana yamuhishurira, Sauli yibutse afise ubwoba bwinshi ko Stefano, uwari yashingiye intahe Umukiza yabambwe kandi akazuka, yari yishwe nawe nyene yavyemeye, kandi hanyuma, bivuye kuri we abandi bigishwa ba Yesu b'ukuri bapfuye ku bw'agahamo gakomeye. IN 60.2

Umukiza yari yavuganye na Sauli abicishije muri Stefano, uwo ivyiyumviro vyiwe bitomoye bitashobora kuvuguruzwa. Uwo Muyuda yize cane yari yabonye mu maso h'uwo yapfiriye ukwizera, umuco w'ubwiza bwa Kristo-hasa «n'ah'umumarayika.» Ivyakozwe n'Intumwa 6:15. Yari yabonye ukwihangana kwa Stefano imbere y'abansi biwe, n'ingene yabababariye. Yari yabonye kandi ukwihanganira imibabaro n'umunezero wa benshi vyari vyatumye bababazwa kandi bagahahazwa. Yari yabonye na bamwe batanga ubuzima bwabo banezerewe ku bwo kwizera kwabo. Ibi bintu vyose vyari vyakoze cane kuri Sauli, kandi mu bihe bimwe vyasa n'ivyanditse mu bwenge bwiwe icemezo ntabanduka, ko Yesu yari Mesiya yasezeranywe. Mu bihe nk'ivyo yari yararwanye ijoro ryose n'ico cemezo, kandi igihe cose yari yaruhiye kwemera ko Yesu atari Mesiya, ahubwo ko abigishwa biwe ari intagondwa zataye umutwe. IN 60.3

Ubu hoho Kristo yari yavuganye na Sauh n'ijwi ryiwe bwite, ati «Sauh, Sauh, umpamira iki?» kandi iki kibazo ngo «Uri nde, ga Mwami?» cari cishuwena rya jwi nyene «Ndi Yesu uriko urahiga.» Kristo yishushanya ng'aha n'abantu biwe. Mu guhama abigishwa ba Yesu, Sauh yari yahangaye Umwami w'ijuru wenyene ubwiwe. Mu kubarementaniriza no kubashengeza, yari yarementanishirije kandi yashengeje Umukiza w'isi. Uwo muco ukayangana uhavuye, maze Sauh akava hasi, yasanze atakibasha kubona. Ugukayangana k'ubwiza bwa Kristo kwari kwarengeye amaso yiwe y'umubiri upfa; maze kumaze kumuvako, umwiza w'ijoro uca wuzura mu maso hiwe. Yizeye ko urwo ruhumyi rwari igihano kivuye ku Mana kubera yahiga bunyamaswa abigishwa ba Yesu. Aca yinjira mu mwiza w'icuraburindi, maze abo bari kumwe bagira ubwoba baratangara, «bamufata ukuboko bamujana i Damasiko.» IN 61.1

Mu gitondo c'uwo musi ivyo vyabereyeko, Sauh yari yegereje Damasiko, yirya akara kubera icizere umuherezi mukuru yari yamushizeko. Yari yahawe amabanga akomeye cane. Yari yashinzwe guteza imbere inyungu z'idini y'Ikiyuda, mu guhagarika namba bishoboka, iterambere ry'uko kwizera gusha i Damasiko. Yari yarahize ko umugambi wiwe uzotahana intsinzi, kandi yari anyotewe kubona ko ivyo yiteze bishika. Ariko, aho kubona ivyo yari yiteze, yinjiye ate mu gisagara? Yinjiye ari impumyi, yihebuye, anigwa n'umutima umurega, atazi ikindi gihano aziganirijwe, arondera inzu ya Yuda umwigishwa, aho, mu bwiherero, yari afise akaryo kisanzuye ko kwiyumvira no gusenga. Sauh yamaze imisi itatu «ari impumyi, kandi ntiyagira ico arya canke anywa.» Iyo misi y'agahinda k'umutima, kuri we yabaye nk'imyaka. Yama na ntaryo yibuka, afise agahinda kenshi, uruhara yagize mu rupfu rwa Stefano. Yiyumviranye ubwoba icaha yakoze mu kureka ngo ategekwe n'ububisha n'ivyiyumviro bigoramye vy'abaherezi n'abategetsi, kandi yabonye mu maso ha Stefano hakayangana n'ubwiza bwo mw'ijuru. Yibutse n'akababaro n'umutima umenetse ibihe vyinshi yihumye amaso, akiziba amatwi imbere y'ivyemezo bigaragara, kandi agakomeza guhiga abizera Yesu Umunyanazareti. IN 61.2

Iyi misi yo kwigenzura n'ukwiyorosha mu mutima yayimaze ari wenyene. Abizera bari bagabishijwe ku mu gambi wa Sauli i Damasiko, batinya ko yoba yigirisha kugira ngo abahende, bamuguma kure, banka kumwiyegereza. Nti yashaka kwiyambaza Abayuda batizera, abo yari yifatanije nabo mu guhiga abizera; kuko yari azi ko badashobora kwumviriza inkuru yiwe. Vyasa nk'uko abantu bose bari bamuteye umugongo. lvyizigiro vyiwe vyari bisigaye ku Mana y'imbabazi gusa, niko kuyiyambaza n'umutima umenetse. Ayo masaha menshi Sauli yamaze yiyugaranye ari kumwe n'Imana yo nyene, yibutse amajambo menshi y'Ivyanditse yerekeye umuzo wa mbere wa Kristo. Asubiramwo yitonze ayo majambo y'abavugishwa n'Imana, ivyiyumviro vyiwe vyuzuye icemezo cari ciziziye umutima wiwe. Ubwo yiyumvira ku busobanuro bw'ayo majambo y'imburi, atangazwa n'ubuhumyi yahoranye bwo kudatahura, n'ubuhumyi bw'Abayuda muri rusangi, bwari bwamutumye kwanka kwakira Yesu nka Mesiya yari yarasezeranywe. Ku bw'amaso yiwe amurikiwe, vyose vyaragaragaye. Yamenye ko ivyiyumviro vyiwe vya kera vyari bigoramye, n'ukutizera kwiwe vyari vyahumye amaso yiwe ya Mpwemu, maze bimubuza kubona muri Yesu Umunyanazareti, Mesiya yavuzwe n'abavugishwa n'Imana. IN 61.3

Ubwo Sauli yemeye ivyemezo vya Mpwemu Yera, yabonye amakosa y'ubuzima bwiwe, kandi yemera ivyo ivyagezwe vy'Imana bitegeka. Uwo yamye ari Umufarisayo yishira hejuru, yizeye ko atsindanishirizwa n'ibikorwa vyiwe vyiza, ubu noneho yunamye imbere y'Imana yicishije bugufi kandi yiyoroheje nk'umwana muto, yatura ko atabereye, kandi yiyambaza ibikorwa vy'Umukiza yabambwe kandi akazuka. Sauh yifuza kugira imigenderanire na Data n'Umwana; kandi ku bwo kwifuza kubabarirwa no kwemerwa, yatakamvye ashimitse imbere y'intebe y'imbabazi. Amasengesho y'uwo Mufarisayo yihanye nti yabaye impfagusa. Umutima wiwe n'ivyiyumviro vyahinduwe n'ubuntu bw'Imana; n'inkomezi ziwe zigiriranira ubumwe n'imigambi idashira y'Imana. Kristo n'ubugororotsi bwiwe vyamurutiye isi yose. IN 62.1

Uguhinduka kwa Sauh ni icemezo ntahinyuzwa c'ububasha butangaje bwa Mpwemu Yera bwemeza umuntu icaha. Yari yizeye vy'ukuri ko Yesu Umunyanazareti yari yarirengagije ivyagezwe vy'Imana, maze yigisha abigishwa biwe ko bitagira ikimazi. Ariko amaze guhinduka, Sauli yatahuye ko Yesu ari wa wundi yari yaje mw'isi afise intumbero yo kwemeza ivyagezwe vya Se. Yemeye ko Yesu ari we yashinze imihango yose y'igitutu, ko Kristo yari yashikije amajambo yavuzwe n'abavugishwa n'Imana yo mw'Isezerano rya Kera yerekeye Umucunguzi wa Isirayeh. Mu nkuru z'ihinduka rya Sauh, turonkamwo ingingo ngenderwako, dutegerezwa kwamana mu bwenge. Sauh yazanywe imbere ya Kristo. Uwo ni we Kristo yari yateguriye igikorwa gihambaye, uwari agenewe kuba «igikoresho yitoranirije». Ariko Umwami ntiyashotse amubwira igikorwa yari yamushinze. Yamuhagaritse ari mu nzira kandi amwemeza icaha; ariko igihe Sauh yabaza ngo «Ushaka nkore iki?» Umukiza yeretse ishengero ryiwe uwo Muyuda ariko arashakashaka, ngo muri ryo amenye ico Imana imushakako. IN 62.2

Wa muco wamurikira umwiza wa Sauli cari igikorwa c'Umwami; ariko hari hakiriho kandi n'igikorwa abigishwa biwe bari bajejwe kumukorera. Kristo yari yakoze igikorwa co guhishura no kwemeza; none ubu naho uwo muntu yihanye yategerezwa kwigishwa n'abo Imana yashize iruhande ngo bigishe ukuri kwayo. Igihe Sauli yakomeje kuba mu nzu ya Yuda ari wenyene, abandanya gusenga no gutakamba, Umwami yiyereka «umwigishwa w'i Damasiko yitwa Ananiya,» amubwira ko Sauli w'i Taruso yariko arasenga, kandi ko akeneye ubufasha. «Va hasi, uje mu nzira yitwa Iyigororotse,» iyo ntumwa yo mw'ijuru yavuze ngo «ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umugabo yitwa Sauh w'i Taruso: kuko ariko arasenga, kandi yeretswe abona umuntu yitwa Ananiya yinjira aho ari, amurambikako ibiganza, kugira ngo ahumuke.» IN 63.1

Ananiya vyaramugoye kwemera amajambo y'umumarayika; kuko inkuru za Sauh ahama abera i Yerusalemu zari zarakwiragiye kure kandi hose. Yiyumvira kumwishura ati, «Mwarni, uwo mugabo numvise benshi bavuga ivyiwe, vy'inabi nyishi yagiriye abera bawe i Yerusalemu: kandi n'ino ahafise ububasha abuhawe n'abaherezi bakuru, bwo kuboha abambaza izina ryawe bose.» Ariko itegeko ryabaye ntabanduka: «Pfa kugenda, kuko uwo muntu ari ikintu nitoranirije, ngo ajane izina ryanje imbere y'amahanga, n'abami n'Abisirayeh.»Ananiya yumvira uwo mumarayika, arondeza uwo muntu yahoze ahiga abantu bose bizeye izina rya Yesu; nuko arambika ibiganza ku mutwe w'uwo muntu yihanye ababaye, ati «Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, niwe Yesu yakubonekeye mu nzira wazananye, ngo uhumuke, wuzuzwe Mpwemu Yera.» «Uwo mwanya nyene ibisa n'ibikaragashi bimuva ku maso, arahumuka, ava hasi, arabatizwa.» Muri ubwo buryo Yesu yemeje ububasha bw'ishengero ryiwe ritunganijwe, maze arongora Sauli ku bikoresho vyiwe yashinze kw'isi. Kristo yari afise noneho ishengero rimuserukira kw'isi, kandi ni ryo ryahawe igikorwa co kurongora mu nzira y'ubugingo umunyavyaha yihanye. Benshi biyumvira ko bategekwa na Kristo gusa ku vyerekeye umuco n'ubuzima bwabo, batitayeho ishengero ryayo yatunganije kw'isi. Yesu ni incuti y'abanyavyaha, kandi umutima wiwe ubabazwa n'ivyago bibashikira. Afise ubushobozi bwose, mw'ijuru no kw'isi; ariko arubaha ibikoresho yashize i ruhande ku bwo kumurikira no gukiza abantu; arongora abanyavyaha kw'ishengero, iryo yagize umuringoti w'umuco kw'isi. IN 63.2

Igihe yari ari mu buhumyi bw'amakosa n'ivyiyumviro bigoramye, Sauh yahishuriwe Kristo, uwo yariko arahiga, yarongowe kw'ishengero, ryo muco umurikira isi. Muri iki kiringo rero, Ananiya aserukira Kristo, kandi aserukira abakozi ba Kristo kw'isi, abatoranijwe ngo bakore mu kiringo ciwe. Mu kiringo ca Kristo, Ananiya akora ku maso ya Sauli, ngo ashobore kubona. Mu kiringo ca Kristo, amurambikako ibiganza, kandi, ubwo asenga mw'izina rya Kristo, Sauli aronka Mpwemu Yera. Vyose bikorwa mw'izina n'ububasha bwa Kristo. Kristo ni isoko; ishengero na ryo ni umuringoti ujana ayo mazi. IN 63.3