Ivyakozwe N'intumwa
Ikigabane ca 5: Ingabire Ya Mpwemu
Igihe Kristo yaha abigishwa biwe isezerano rya Mpwemu, yari yegereje kurangiza igikorwa ciwe kw'isi. Yari yicaye mu gitutu c'umusaraba, urangiza umutwaro w'icaha categerezwa kumugwako nk'Uwiremeka ivyaha. Imbere yo kwitanga nk'ikimazi, yabwiye abigishwa biwe ivyerekeye ingabire ikenewe kandi yuzuye kuruta izindi yari agiye guha abiwe bamukurikiye-Ingabire yobazaniye ubutunzi butagira akagero. «Nanje nzosaba Data,» niko yababwiye, «Nawe azobaha uwundi Mwitsa, ngo aze abane namwe ibihe bidashira, niwe Mpwemu w'ukuri, uwo ab'isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi; Mweho muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.» Yohana 14 :16, 17. Yesu yerekeza ivyiyumviro ku gihe Mpwemu azozira gukora igikorwa gikomeye, nk'icariho ciwe. Ikibi cari caragwiriranye mu binjana vyinshi, categerezwa kurwanywa n'ubushobozi bw'Imana bwa Mpwemu Yera. IN 24.1
Ni iyihe yabaye inkurikizi y'ugusukwa kwa Mpwemu ku musi wa Pentekote ? Inkuru nziza yashitse mu turere twa kure tw'isi iriko abantu. Ubwo abigishwa bamamaza ubutumwa bw'ubuntu bwo gucungura, imitima yaraciye bugufi imbere y'ubushobozi bw'ubwo butumwa. Ishengero ryabonye abantu bahindukiriye Imana baseseka bava mu mihingo yose. Abari barataye ukwizera barongeye guhindukirira Imana. Abanyavyaha bifatanije n'abizera mu kurondera imaragarita y'agaciro kanini. Bamwe mu bari barigize abahizi mu kurwanya ubutumwa bwiza bahindutse abahizi mu kubushigikira. Ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana vyarasohoye, «Umunyantege nke... azomera nka Dawidi; kandi inzu ya Dawidi... nk'umumarayika w'Uhoraho.» Zekariya 12 :8. Umukristo wese yabonye muri mwene Se uguhishurwa kw'urukundo rw'Imana n'ukwitanga. Inyungu imwe niyo yashirwa imbere; ico bose bahiganirwa cari kimwe. Icaraza ishinga abizera kwari kugaragaza ugusa na kamere ya Kristo, n'ugukora ngo bagure ubwami bwiwe. IN 24.2
«Intumwa zashingira intahe ukuzuka kw'Umwami Yesu ziri n'ubushobozi bwinshi: kandi ubuntu bw'Imana bwinshi buba kuri bose.» Ivyakozwe n'Intumwa 4:33. Ku bw'ibikorwa vyabo abantu barobanuwe biyongeye kw'ishengero, abantu, baronse ijambo ry'ukuri, bagahebera ubuzima bwabo igikorwa co guha abandi ivyizigiro vyujuje imitima yabo amahoro n'akanyamuneza. Ntibashobora gusubizwa inyuma, canke guterwa ubwoba. Umwami y&bavugiyemwo, kandi ubwo bagenda hirya na hino, aboro barumvise ubutumwa, n'ibitangaza vy'ubuntu bw'Imana vyarakoretse. Imana ishobora gukora ibikomeye igihe abantu bitanze ngo bayoborwe na Mpwemu wayo. IN 24.3
Isezerano rya Mpwemu Yera ntirigarukira ku runganwe runaka canke ku bwoko runaka. Kristo yavuze ko igikorwa ca Mpwemu wiwe kizobana n'abamwizeye gushika ku muhero w'isi. Uhereye ku musi wa Pentekote gushika n'uyu musi, Umwitsa yarvmgitswe kuri abo bose bihaye burimdu Umwami n'igikorwa ciwe. Kuri abo bose bakiriye Kristo nk'Umukiza wabo bwite, Mpwemu Yera yabajeko nk'Umujanama, uweza, umurongozi, n'icabona. Uko abizera bagiye bagendana n'Imana, niko bagiye bagaragaza neza n'inkomezi urukundo bakunda Umukiza wabo n'ubuntu bwiwe bukiza. Abagabo n'abagore banezerejwe cane no kubana na Mpwemu mu binjana vy'agahamo n'amageragezwa, bahagaze bameze nk'ibimenyetso n'ibitangaza mw'isi. Imbere y'abamarayika n'imbere y'abantu, bahishuye ubushobozi buhindura bw'urukundo rukiza. IN 25.1
Abo ku musi wa Pentekote buzuye ubushobozi buva hejuru, ntibaciye bakingirwa ibigeragezo n'imibabaro. Ubwo bashingira intahe ukuri n'ukugororoka, ni ko bakomeza guhura n'intambamyi z'umwansi w'ukuri kwose, ashaka kubavana mu bukristo bwabo. Bategerezwa kurwana n'inkomezi zose Imana yabahaye kugira bashikire urugero rw'igihagararo rw'abagabo n'abagore bari muri Kristo Yesu. Buri musi basenga ngo baronke ubuntu bushasha, kugira bakomeze kuduga hejuru cane bagana ku bugororotsi. Ku bw'igikorwa ca Mpwemu Yera, n'umunyantege nke, akoresheje ukwizera Imana, yize guteza imbere inkomezi yahawe, hanyuma ashikira ukwezwa, no guhingurwa, no kuba intore. Ubwo bicishije bugufi ngo bayoborwe n'igikorwa ca Mpwemu Yera gihindura, bahawe ivyuzuye biva ku Mana, bahingurwa mw'ishusho y'Imana. Uwo mwanya waciye hagati nta co wahinduye kw'isezerano rya Kristo ryo gutanga Mpwemu Yera nk'icariho ciwe. Imana si yo ibuza ubutunzi bw'ubuntu bwayo gusesekara ku bantu hano kw'isi. Namba isezerano ridasohora nk'uko ryategerezwa, ni uko iyo ngabire idashimwa nk'uko yategerezwa. Iyo aba bose babishaka, bose bokwujujwe Mpwemu. Aho hose abantu bumva gake ko bakeneye Mpwemu Yera, haboneka ubugaragwa mu vya Mpwemu, umwiza mu vya Mpwemu, ugusubira inyuma mu vya Mpwemu, n'urupfu. Igihe cose utuntu dutoduto twitwararikwa, ubushobozi bw'Imana bukenewe ngo ishengero rikure kandi riroranirwe, kandi bwozanira bose imigisha, burabura, n'aho butangwa bunengeseye. IN 25.2
Kubera ko iyi ari yo nzira turonkeramwo ubushobozi, kuki tutagira inzara n'inyota yo kuronka ingabire ya Mpwemu ? Kuki tutaganira ivy'iyo ngabire, ngo tuyisabe, ngo dusigure ivyerekeye iyo ngabire ? Umwami yifuza guha ingabire ya Mpwemu Yera abamukorera, kuruta uko abavyeyi baha abana babo ibintu vyiza. Umukozi wese ategerezwa gusaba Imana ngo imuhe umubatizo wa Mpwemu buri musi. Imirwi y'abakozi b'Abakristo yari ikwiye gukorana ngo basabe ubufasha budasanzwe, ngo baronke ubwenge bwo mw'ijuru, kugira bamenye ingene bategura imigambi n'ingene boyishirana mu ngiro ubwenge. Cane cane bari bakwiye gusenga ngo Imana ibatirishe urugero runini rw'ubutunzi bwa Mpwemu Yera ivyariho vyayo yatoye ikarungika mu mirima. Mpwemu ari kumwe n'abakozi b'Imana azobafasha kwamamaza ukuri n'ubushobozi, iteka n'icubahiro vy'isi bitoshobora gutanga. IN 25.3
Mpwemu Yera w'Imana ari kumwe n'umukozi w'Imana yitanze, aho yoba ari hose. Amajambo abwirwa abigishwa natwe turayabwirwa. Umwitsa ni Uwabo nk'uko ari Uwacu. Mpwemu atanga inkomezi zishigikira imitima iri mu kigoro n'intambara mu bihe ivyo ari vyo vyose, muri iyi si yuzuye urwanko, imitima igwa ikavyuka, iharamra guhishurirwa amakosa yayo hammwe n'aho igenda itsindwa. Mu gahinda no mu mibabaro, igihe hasa nk'uko ata vyizigiro, kandi kazoza kakatuzazanira, hanyuma tukigunga,-ibi nivyo bihe, Mpwemu Yera atwirura mu mutima, mu kwishura isengesho ry'ukwizera. IN 26.1
Si ikimenyetso gikwiye kuvuga ko umuntu ari Umukristo kubera yitereye hejuru ku bw'umunezero muri Mpwemu mu bihe bidasanzwe. Ubweranda si ukwiterera hejuru: ni ukwitanga wese ngo Imana igukoreshe ivyo ishaka; ni ukubeshwaho na buri jambo riva mu kanwa k'Imana ; ni ugukora ugushaka kwa Data wo mw'ijuru ; ni ukwizera Imana mu mageragezwa mu mwiza no mu muco; ni ukubonesha ukwizera hakubonesha amaso; ni ukwumira ku Mana ukayizigira udakekeranya; n'ukwama mu rukundo rwayo. Ntibikenewe cane kuri twebwe gushobora gusobanura neza ico ari co Mpwemu Yera. Kristo atubwira ko Mpwemu Yera ari Umwitsa, «Mpwemu w'ukuri ava kuri Data.» Biravugwa neza ko, Mpwemu Yera, mu gikorwa ciwe co kurongora abantu mu kuri kwose, «atazovuga ivyiwe.» Yohana 15 :26 ; 16 :13. IN 26.2
Kamere ya Mpwemu Yera ni amayobera. Abantu ntibashobora kubisobanura, kuko Umwami atabibahishuriye. Abantu bafise ivyiyumviro bihanitse, bashobora gutororokanya imirongo ya Bibiliya hanyuma bakayiha ishusho biyumviriye, ariko kwakira ivyo vyiyumviro ntibizokomeza ishengero. Ku vyerekeye aya mabanga agoye cane gutahurwa n'abantu, vyoba vyiza bacecetse. Igikorwa ca Mpwemu Yera kirerekanwa neza mu majambo ya Kristo: «Uwo ni yaza, azohinyuza ab'isi, abemeze ivy'icaha, n'ivy'ukugororoka, n'ivy'amateka.» Yohana 16 :8. Mpwemu Yera niwe atwemeza icaha. Iyo umunyavyaha yumviye igikorwa co kugobera ca Mpwemu, azoshikanwa ku kwihana n'ugutahura akamaro ko kwumvira ivyo Imana itegeka. Ku munyavyaha yihanye, akagira inzara n'inyota y'ubugororotsi, Mpwemu Yera ahishura Umwagazi w'Intama w'Imana akura icaha c'isi. «Azokwakira ku vyanje, abibamenyeshe,» niko Kristo yavuze. «Azobigisha vyose, kandi azobibutsa ivyo nababariye vyose.» Yohana 16 :1; 14 :26. IN 26.3
Mpwemu Yera atangwa nk'igikoresho gihindura, mu gushira mu ngiro agakiza kazanywe n'urupfu rw'Umucunguzi. Mpwemu Yera yama na ntaryo agerageza kwereka abantu ishikanwa rihambaye ryatanzwe ku musaraba i Caluvari, ngo ahishurire isi urukundo rw'Imana, no kwugururira umutima wanyuzwe ibintu vy'agaciro vyo mu Vyanditswe Vyera. Amaze kwemeza icaha, n'ukwereka umuntu urugero rw'ubugororotsi, Mpwemu Yera aca akura ivyifuzo ku bintu vy'isi, akuzuza umutima icifuzo c'ubweranda. «Azobarongora mu kuri kwose,» (Yohana 16 .13) niko Umukiza yavuze. Iyo abantu bemeye guhingurwa, bazoronka ukwezwa kw'ubugingo bwose. Mpwemu azofata ibintu vy'Imana, abibohere ku mutima. Ku bw'ubushobozi inzira y'ubuzima izogaragara neza ku buryo ata muntu yoshobora kuzimagirika muri yo. IN 27.1
Uhereye mbere na mbere, Imana yamye ikoresha Mpwemu Yera wayo, ibicishije mu bikoresho vy'abantu, ngo ishitse umugambi wayo ku bw'abantu baguye. Ibi vyagaragaye mu buzima bw'abakurambere. No kw'ishengero ryo mu bugaragwa, mu gihe ca Mose, Imana yamuhaye «Mpwemu wiwe mwiza ngo abahe ubwenge.» Nehemiya 9 :20. Kandi no mu misi y'intumwa Yakoreye ishengero ryayo ikoresheje Mpwemu Yera. Ubwo bubasha bwashigikiye abakurambere, bwahaye Kalebu na Yoshuwa ukwizera n'ubushizi bw'amanga, kandi bugatuma igikorwa c'intumwa gishikama, bwahangaje intahemuka z'Imana mu bihe vyose vyo kuroranirwa. Ni mu bushobozi bwa Mpwemu Yera Abakristo b'Abawaldensi mu Gihe c'Umwiza, bafashije gutegurira inzira Ubugorozi. Ni ubwo bushobozi kandi bwatumye utwigoro tw'abagabo n'abagore b'umutima tugira ico dushitseko, bituma inzira iboneka ngo abantu ba mbere batangure igikorwa co gutwara ubutumwa mu bihugu vyose, n'uguhindura Bibiliya mu ndimi z'amahanga yose n'amoko yose. IN 27.2
Kandi n'ubu Imana iracakoresha ishengero ryayo mu kumenyekanisha umugambi wayo kw'isi. Uyu musi intumwa z'umusaraba ziva mu gisagara zikaja mu kindi, igihugu mu kindi, zitegurira inzira ukugaruka kwa Kristo. Ibendera y'itegeko ry'Imana ririko rirashirwa hejuru. Mpwemu w'Inyabushobozi ariko arakabakaba mu mitima y'abantu, kandi abumvira igikorwa ciwe bahinduka ivyabona vy'Imana n'ukuri kwayo. Mu bibanza vyinshi, abagabo n'abagore bashobora kuboneka bashikanira abandi umuco wagaragaje inzira y'agakiza kava muri Kristo. Kandi uko bakomeza kureka ngo umuco wabo ukayangane, nk'uko ababatijwe na Mpwemu ku musi wa Pentekote babikoze, bakomeza kuronka umuco munini w'ubushobozi bwa Mpwemu. Gutyo, isi itegerezwa kumurikirwa n'ubwiza bw'Imana. Ku rundi ruhande naho, hariho bamwe, mu gishingo co gukoresha akaryo bafise muri iki gihe, biyicariye barindira ibihe bidasanzwe vy'impemburo, bizotuma ububasha bwabo bwo kumurikira abandi bwongerekana cane. Birengagiza ibikorwa bahawe muri iki gihe n'amahirwe bafise, bakareka umuco wabo ukazima, bakirindiriye igihe kizoza, aho, batagize akigoro na gato, bazoba ibikoresho vyo kwakira umuhezagiro udasanzwe, uzobahindura ukababashisha gukora igikorwa. IN 27.3
Ni ivyo ukuri ko mu gihe c'imperuka, igikorwa c'Imana kw'isi kigira kirangire, utwigoro tw'abizera barongowe na Mpwemu Yera, tuzoherekezwa n'ibimenyetso vy'ugushimwa n'Imana. Mu kimenyetso c'imvura y'agatasi n'iy'urushana, yagwa mu bihugu vy'Ubuseruko mu gihe c'irima n'igihe c'iyimbura, abavugishwa n'Imana b'Abaheburayo babonye imbere y'igihe gusukwa kw'ubuntu budasanzwe bwa Mpwemu kw'ishengero ry'Imana, ku rugero rutangaje. Gusukwa kwa Mpwemu mu bihe vy'intumwa yari intango y'imvura y'agatasi, canke imvura ya mbere, kandi inkurikizi yayo yabaye igitangaza. Ku mpera y'igihe, Mpwemu ategerezwa kuba mw'ishengero ry'ukuri. IN 28.1
Ariko isarura ry'isi ni ryegereza, ubuntu bwa Mpwemu bwarasezeranywe ngo butegure ishengero ku kugaruka kw'Umwana w'Umuntu. Uku gusukwa kwa Mpwemu kugereranywa n'imvura y'urushana; kandi Abakristo bategerezwa gusaba ubu bushobozi ku Mwami nyene iyimbura, «mu gihe c'imvura y'urushana.» Mu kubishura, «Uhoraho azorema imiravyo, maze azobaha imigezi y'imvura.»» Azomanura... imvura, imvura y'agatasi, n'imvura y'urushana.» Zekariya 10:1; Yoweli 2:23. Ariko abagize ishengero ry'Imana uyu musi, nibatifatanya n'isoko ryo gukura mu vya Mpwemu, ntibazosangwa biteguriye igihe c'iyimbura. Ni batategura amatara yabo kandi ngo yame yaka, ntibazoshobora guhabwa ubundi buntu mu gihe c'ubukene budasanzwe. IN 28.2
Abo bama bakira ubuntu busha, nibo bonyene bazoronka ubushobozi bungana n'ivyo bakeneye buri musi, n'ububasha bwo gukoresha ubwo bushobozi. Aho kurindira igihe kizoza, aho, mu bushobozi budasanzwe bwa Mpwemu, bazoronka ibitangaza bibashoboza kuzana imitima, bishira mu maboko y'Imana buri musi, ngo ibagire ibikoresho biberanye n'igikorwa c'Imana. Buri musi bateza imbere uburyo bwo gukora igikorwa kiri mu maboko yabo. Buri musi bama bariko barashingira intahe Umwigisha aho boba hose, haba ahantu hagayitse h'igikorwa co mu rugo, canke mu gikorwa c'ahagaragara. IN 28.3
Ku bihebeye igikorwa c'Imana, hari amajambo y'ihumure mu kumenya ko na Kristo nawe nyene, igihe yari mw'isi, yama buri musi asaba Se ubuntu busha bukenewe; hanyuma muri ubwo bumwe bwiwe n'Imana, yagenda gukomeza abandi n'ukubahezagira. Raba Umwana w'Imana yunamye atakambira Se! Naho ari Umwana w'Imana, akomeresha ukwizera kwiwe amasengesho, kandi mu kwomatana n'ijuru, yikoranirizako ubushobozi bwo kurwanya ikibi, n'ugufasha abandi mu bukene bwabo. Nka Mukuru w'ubwoko bwacu arazi ubukene bw'abo, abageramiwe n'ubumuga kandi baba mw'isi y'icaha, n'ibigeragezo, bacifuza kumukorera. Arazi ko intumwa abona ko zibereye gutumwa, ari abantu bafise intege nke, bazimira; ariko, abo bose bitanga burundu ku bw'igikorwa ciwe, yabasezeraniye ubufasha buva ku Mana. Akarorero kiwe bwite ni ikimenyamenya ko gutakambira Imana twizeye-ukwizera gutuma umuntu yiyegurira Imana, n'ukwihebera igikorwa ciwe-bizozanira abantu ubufasha bwa Mpwemu Yera bwo kurwana n'icaha. IN 28.4
Umukozi wese akurikira akarorero ka Kristo azoba yiteguye kwakira n'ugukoresha ubushobozi Imana yasezeraniye ishengero ryiwe kugira ngo imirima yere ku bw'iyimbura ry'isi. Buri gitondo, uko intumwa z'ubutumwa bwiza zifukama imbere y'Uhoraho kandi zikavugurura amasezerano yabo yo kumwihebera, ni ko azobaha kubana na Mpwemu Yera wiwe, w'ubushobozi bwo kuvugurura no kweza. Uko bakomeza ibikorwa vyabo vya buri musi, bamenya ko Mpwemu Yera ataboneka, abafasha «kuba abakozi hamwe n'Imana.» IN 29.1