Ivyakozwe N'intumwa
Ikigabane ca 39: Urubanza Rw'i Kayisariya
Iki kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe 24
Imisi itanu ishize Paulo ageze i Kayisariya, abarezi biwe baza bava i Yerusalemu, baherekejwe n'uwo kubavuganira yitwa Teritulo. Urwo rubanza baruravye vuba-vuba. Paulo amaze kurengutswa, Teritulo «atangura kumurega.» Yiyumviriye ko akarimi gasosa ko kumutaka kogira inkomezi kuri uwo mutware w'Umuroma kuruta kuvuga amajambo y'ukuri n'ubutungane, iyo mvuzi y'indyadya ibanza guhayagiza Feliki: «Ni ku bwawe igituma tugazagaza mu mahoro menshi, n'ibindi vyaroranirijwe ubu bwoko ku bwo imigabo yawe: nuko turavyemera uburyo bwose ahantu hose, FeUki umwubahwa, tugukengurukiye cane.» IN 218.1
Teritulo ng'aha yihayo ububeshi butagira kwiyorobeka; mu vyo ukuri Feliki yari afise kaivtere igayitse. Inkuru zavuga ko «mu bushurashuzi bw'ubwoko bwose n'ubwicanyi, yakoresha ububasha bw'umwami n'ingeso z'umugurano.»- Tacitus, History, ch.5, par.9. Abumvise Teritulo batahuye ko ayo majambo yo kumutaka atari ukuri, ariko icifuzo cabo co kurondera icotsindisha Paulo cari gifise inkomezi kuruta gukunda ukuri. Mw'ijambo ryiwe, Teritulo yaremetse Paulo ivyaha, iyo bigaragara ko ari ukuri vyari gufatwa ko ari ivyo kugambanira Leta. Uwo muvugizi yemanze ngo «Twabonye uyu muntu ari ikiza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose, ni we remezo ry'igice c'Abanazareti. Kandi yagejeje no guhumanya urusengero.» Teritulo aca avuga ko Lusiya, umukuru w'intwazangabo z'abasoda b'i Yerusalemu,» ‘ 218» yashikuye Paulo mu minwe y'Abayuda bagira ngo bamucire urubanza nk'uko ivyagezwe vyabo bivuga, abategeka kuza imbere ya Feliki. Ayo majambo yari agendereye kwosha icegera ca Kayisari gufata ingingo yo kurekurira Abayuda ngo bacire Paulo urubanza. Ibirego vyose vyashigikiwe n'Abayuda bose bari aho, batagize akigoro ko guhisha urwanko bafitiye iyo mbohe. IN 218.2
Feliki yari afise ubwenge buhagije bwo gusoma ivyifuzo na kamere k'abarezi ba Paulo. Yari abizi afatiye kuri ya majambo bamubwira yo kumutaka, kandi yarabonye ko batashoboye gutanga ivyemezo vy'ibirego baremetse Paulo. Ahindukirira uwo bashengeje amusaba ko yiyishurira ubwiwe. Paulo ntiyatakaje amajambo mu kumushimagiza, ahubwo yavuze gusa ko anezerewe kuba yokwiregura imbere ya Fehki, kubera uwo yabaye icegera ca Kayisari kuva kera, ku buryo ashobora gutahura neza ivy'ivyagezwe n'imigenzo vy'Abayuda. Yisunze ivyo bamureze, yerekanye neza ko ata na kimwe muri vyo ari ukuri. Yemanze ko atigeze atera imidurumbanyo mu gice na kimwe c'i Yerusalemu, canke ngo ahumanye urusengero. Yavuze ati «Ntibasanze mparira n'umuntu n'umwe, canke nkoraniriza abantu kubakikiza, naho hoba mu rusengero canke mu masinagogi canke mu gisagara: kandi ku vyo bandeze ubu, ntibashobora kuronka ikinyagiriza imbere yawe.» IN 219.1
N'ubwo yemera gukurikira inzira «bita ko ari igice» yakorera Imana ya ba sogokuruza biwe, yemeza ko yamye yemera vyose bifatanije n'ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy'abavugishwa n'Imana;» kandi ko nk'uko ivyanditswe bivuga, yizera ko hazoba ukuzuka kw'abapfuye. Yongeye ko kandi ko mu ntumbero y'ubuzima bwiwe akobereza «kugira umutima utamwagiriza ikibi ku Mana no ku bantu. Yavuze ata budyadya kandi adaca i ruhande intumbero yiwe yo kuza i Yerusalemu, n'icatumye bamufata bakamushengeza: «Maze imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushira ubwoko bwacu ivy'ubuntu, no gutanga ibimazi. Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n'urwamo ruriho. Ariko hari Abayuda bamwe bavuye muri Asiya, ni bo bari bakwiye kuza hano imbere yawe no kundega, iyaba bafise ico bangaya. Canke na bano na bo ni bavuge icaha bambonyeko, aho nari mpagaze imbere y'abanyekombe, kiretse rya jambo rimwe navuze n'ijwi rirenga mpagaze muri bo, nti Ukuzuka kw'abapfuye ni kwo kumpagaritse muri izi manza imbere yanyu uyu musi.» IN 219.2
Iyo ntumwa yavuga ata budyadya , ifise ukuri kugaragara, kandi amajambo yiwe yari afise ububasha ku buryo yatera kunyurwa. Kilawudiyo Lusiya, mw'ikete ryiwe rya nyuma yandikiye Feliki, yari yashinze intahe isa n'iyo ku vyerekeye inyifato ya Paulo. Ikigeretseko, Feliki ubwiwe yari azi idini y'Abayuda kuruta uko benshi bavyibaza. Amajambo ya Paulo kuri urwo rubanza yafashije Feliki gutahura mbere cane intumbero yatumye Abayuda bagerageza kwemeza Paulo ko yagumuye abantu kandi agashaka kugambanira ubutegetsi. Uwo mutegetsi ntiyari yiteguye kubaha uburenganzira bwo gutsindisha umwenegihugu w'Umuroma canke kububahura ngo bamwice ata tohozwa n'urubanza biciye mu kuri. Ariko Feliki yakunda inyungu ziwe kuruta ibindi vyose, kandi yategekwa no kurondera icubahiro no kwifuza kuduzwa amapete. Gutinya kubabaza Abayuda vyamubujije kwambika izera umuntu yari azi ko ata kibi kimwagira. Nuko ahitamwo kuba ahagaritse urubanza gushika igihe Lusiya azozira, «Lusiya umukuru w'intwazangabo z'abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw'amajambo yanyu.» Iyo ntumwa yagumye ari imbohe, ariko Feliki ategeka uwatwara abasoda ijana yari ashinzwe kurinda Paulo, «kumurinda urw'amaso,» no «kutabuza n'umwe mu bagenzi biwe kumukorera canke kumugarukirako.»Nti vyatevye ko Feliki n'umugore wiwe Durusila batumako Paulo ngo bavugane mu mwiherero «ku vyo ukwizera Kristo.» Bari n'umwete n'inyota vyo kwumviriza ivyo uku kuri gusha- batazokwigera bongera kwumva, kandi ni bagutera umugongo, kuzobagiriza ku musi w'urubanza rw'Imana. IN 219.3
Paulo yari yabibonye nk'akaryo Imana imuhaye, kndi yaragakoreshje neza. Yari azi ko ahagaze imbere y'umuntu afise ubushobozi bwo kumwicisha canke kumubohora; ariko ntiyabwiye Feliki na Durusila amajambo yo kubahayagiza canke kubasiga amavuta. Yari azi ko amajambo yiwe yari afise akanovera k'ubuzima canke ako urupfu, maze, ariyibagira n'inyungu ziwe zose, arondera kubumvisha akaga kabarindiriye. Iyo ntumwa yatahuye ko ubutumwa bwiza bufise ububasha ku muntu wese yumviriza amajambo yiwe; ko umusi uri izina bazohagarara mu bagororotsi n'aberanda imbere y'intebe ihambaye yera, canke bagahagarara ku ruhande rw'abo Kristo azobwira ngo «Mviraho, mwa bakora ibizira mwe.» Matayo 7:23. Yari azi ko ategerezwa guhura n'umwe umwe wese mu bamwumvirije imbere y'intebe y'imanza yo mw'ijuru kandi ko ategerezwa kubazwa, atari gusa ku vyo yavuze canke yakoze, ahubwo na ku mvo n'umutima vyasunitse amajambo n'ibikorwa vyiwe. IN 220.1
Feliki yari y?.anzwe n'uburandamuke n'ubwicanyi ku buryo ari bake bari bashoboye kwubahuka kumubwira ko afise amakosa. Ariko Paulo ntiyatinya umuntu. Yamweretse neza ukwizera afitiye Kristo, n'impamvu y'ukwizera kwiwe, maze ashika no kuvuga ivyerekeye ingeso zikomeye ziranga kamere Rukristo, ariko abo bantu babiri bari imbere yabo batagira namba. Yashize hejuru imbere ya Feliki na Durusila kamere y'Imana-ubugororotsi bwayo, ubutungane bwayo, ukutarenganya kwayo, na kamere k'ivyagezwe vyayo. Yaberetse neza ko ari igikorwa c'umuntu kubaho ubuzima mu kwirinda ibiboreza no mu kwigerera, gukoresha ubwenge mu gutegeka ivyifuzo vy'umubiri nk'uko ivyagezwe vy'Imana bisaba, n'ukuzigama inkomezi z'umubiri n'izo ubwenge ngo bigumane amagara meza. Yemanze ko ata nkeka hariho umusi w'urubanza aho abantu bose bazohembwa ibikwiranye n'ivyo bakoze bakiri mu mubiri, kandi ko bizogaragara ko ubutunzi, ibiti, canke ivyubahiro bidashobora gufasha umuntu kwemerwa n'Imana canke kumukiza ingaruka z'icaha. Yaberetse ko ubu buzima ari igihe umuntu yahawe ngo yitegurire ubuzima buzoza. Niyafata minenerwe aya mahirwe n'aka karyo azovyicuza ataco ari buhindure, kuko ata kandi karyo azohabwa. IN 220.2
Paulo yashimangiye cane ku vyo ivyagezwe vy'Imana bisaba. Yerekanye ingene bikora no ku mabanga ahambaye y'ubuzima butagira agasembwa kandi bigakora no ku bihishijwe amaso canke ubwenge bw'abantu. Ivyo amaboko ashobora gukora canke ururimi rushobora kuvuga-ivyo ubuzima bwo hanze buhishura-vyerekana agasase gusa ka kamere y'umuntu imbere y'amabwirizwa y'Imana. Itegeko ry'Imana rigenzura ivyiyumviro, imvo, n'intumbero. Ivyifuzo vy'umubiri binyegejwe amaso y'abantu, ishari, urwanko, kwifuza, kurwanira gushika ku bihambaye, ibikorwa bibi twiyumvira mu bwihisho bw'umutima, n'aho tutoba twarabishize mu ngiro kuko twabibuze canke tutaronse akaryo ko kubikora-ivyo vyose itegeko ry'Imana rirabitunga urutoke. IN 221.1
Paulo yagerageje kwumvisha abamwumviriza ca Kimazi gikuru c'impongano y'icaha. Yerekanye ibimazi vyari ibitutu vy'ivyiza bizoza, kandi yerekana Kristo nk'uwo iyo mihango yose yagereranya-ni we vyose vyerekana nk'isoko y'ubuzima n'ivyizigiro vy'umuntu yaguye. Aberanda ba kera bakijijwe ku bwo kwizera amaraso ya Kristo. Ubwo babona ibimazi biboroga vyicwa, baraba kure cane bakabona Umwagazi w'intama w'Imana akura icaha c'abari mw'isi. Imana iri mu kuri mu gusaba ko ivyaremwe vyayo biyikunda kandi biyigamburukira. Yaberetse mu vyagezwe vyayo urugero rwuzuye rw’ ibitunganye. Ariko benshi bibagira Umuremyi wabo kandi bagakurikira inzira zabo zinyuranye n'ubugombe bwayo. Bayisubiza urwanko ku rukundo rwayo rufise uburebure bungana n'ijuru kandi rukagira ubwaguke bungana n'uko isi ingana. Imana ntishobora kugabanya ibisabwa n'amategeko yayo ku bwo gushikira urugero rw'abanyakibi; nk'uko umuntu nawe adashobora mu nkomezi ziwe gukwiza ibisabwa r'negeko ry'Imana. Mu kwizera Kristo gusa ni ho umunyavyaha yczwa, akurwako igihano c'ivyaha kandi agashobozwa kwitondera ivyagezwe vy'Umuremyi wiwe. IN 221.2
Paulo, iyo mbohe, yasaba rero ko Abayuda n'abanyamahanga bitondera amategeko y'Imana, kandi yerekana Yesu, Umunyanazareti yakengerewe, nk'Umwana w'Imana, Umukiza w'abari mw'isi. Uwo muganwakazi w'Umuyuda yaratahura neza kamere yera y'iryo tegeko yari yarahonyanze bimwe biteye isoni, ariko ivyiyumviro bitari vyo yari afise kuri uvvo Muntu w'i Kaluvari vyakomantaje umutima wiwe imbere y'ijambo ry'ubugingo. Ariko Feliki we, ntiyaribwigere yumviriza ukuri, kandi, ubwo Mpwemu w'Imana yamwemeza mu mutima wiwe, yaciye abura amahoro. Umutimanama wiwe warikanguye, wumvikanisha ijwi ryawo, maze Feliki yumva ko amajambo ya Paulo yari ukuri. Yaciye yibuka ibibi yakoze imbere. Ibihishijwe vyo mu buzima bwiwe bwa kera vyahagaze bwuma imbere yiwe, ubusambanyi n'ugusesa amaraso, n'ivyo yakoze mu myaka yiwe ya nyuma. Yibonye ko ari igihumbu, umwicanyi, n'inkunzi y'amahera. Nta na rimwe vyari bwashike ngo ukuri kumucumite mu mutima nk'uko. Nta na rimwe umutima wiwe wari bwatekerwe n'ubwoba. Iciyumviro ko amabanga y'akazi kiwe yarangwa n'ubwicanyi yagaragaye mu maso y'Imana, kandi ko ategerezwa gucibwa urubanza ruhwanye n'ivyo yakoze, vyatumye ahinda umushitsi kubera ubwoba. Ariko aho kureka ngo kunyurwa kwiwe kumuzanire kwihana, yagerageje kwiyobagiza ivyo vyiyumviro bitaremesha. Umubonano wiwe na Paulo wabaye uwo akanya gato. Yavuze ati «Ubu niwigire, ni naronka uburyo bwiza nzogutumako.» IN 221.3
Raba itandukaniro riri hagati ya Feliki na wa murinzi w'ibohero w'i Filipi! Abasuku b'Uhoraho bazanywe kuri uwo murinzi baboshwe, nk'uko Paulo yaje imbere ya Feliki. Ivyemezo batanze ko bari bashigikiwe n'ubushobozi bw'Imana, umunezero wabo hagati y'imibabaro n'isoni, ugushira ubwoba kwabo igihe isi yahinda umushitsi, n'umutima wabo w'ikigongwe Rukristo, vyemeje umutima w’ uwo murinzi w'ibohero, maze yatura ivyaha vyiwe ahinda umushitsi kandi arababarirwa. Feliki yarahinze agashitsi, ariko ntiyihanye. Wa murinzi w'ibohero yakiranye umunezero Mpwemu w'Imana mu mutima wiwe no mu rugo rwiwe; Feliki yasavye iyo Ntumwa y'Imana ko yigira. Umwe yahisemwo kuba umwana w'Imana na samuragwa w'ijuru, uwundi ahitamwo gusangira umugabane n’ inkozi z'ikibi. IN 222.1
Mu gihe c'imyaka ibiri cose, nta ngingo Paulo yafatiwe, ariko kandi yagumye ari imbohe. Feliki yamugendeye kenshi kandi yumvirije amajambo yiwe. Ariko imvo y'ukuri y'ubwo bucuti bwiyorobetse, kwari ukurondera inyungu, kandi yasavye ko Paulo atanga amahera menshi ngo abohorwe. Ariko iyo ntumwa yari itunganye ku buryo itemera kwibohoza igiturire. Nta caha na kimwe yiyagiriza, kandi ntiyari kwemera gukora icaha ngo aronke umwidegemvyo. Ikigeretseko,. yari akenye cane ku buryo atari kuronka amahera y'incungu angana atyo, n'aho yari kuba yobikora, kandi ntiyanashobora kubikora ubwiwe, canke kwitabaza bene Data yahinduje ubutumwa. Yumva kandi ko yari mu maboko y'Imana, kandi ntiyari yiteguye gukora ibiteye kubiri n'imigambi y'Imana kuri we. IN 222.2
Amaherezo Feliki yasabwe kuja i Roma, kubera ibibi yakoreye Abayuda. Imbere yo kuva i Kayisariya, yiyumviriye «kwikundisha ku Bayuda» mukurekera Paulo mw'ibohero. Ariko Feliki ntiyaroraniwe mu mugambi wiwe wo kugarura icizere mu Bayuda. Yakombowe nabi, maze Porukiyo Fesito amusubirira i Kayisariya. Umushwarara w'umuco wari wemerewe gukayanganira kuri Feliki, igihe Paulo yamusobanurira ivy'ubugororotsi kwigerera n'ivy'urubanza rugiye kuza. Ako kari akaryo kavuye mw'ijuru yari aronse ko kubona n'ukureka ivyaha vyiwe. Ariko yabwiye iyo ntumwa y'Imana ngo «Ubu niwigire, ni naronka uburyo bwiza nzogutumako.» Yari yakengereye ikigongwe ca nyuma yari ahawe. Nta wundi muhamagaro w'Imana azosubira kuronka. IN 222.3